Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lubumbashi : Kubaga n’ukurya inyama y’imbwa vyahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Lubumbashi : Kubaga n’ukurya inyama y’imbwa vyahagaritswe

Lubumbashi : Kubaga n’ukurya inyama y’imbwa vyahagaritswe

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Umushikiranganji ajejwe ibidukikije, hamwe no kubikingira mu gisagara ca Lubumbashi aherutse gufata ingingo yo guhagarika burundu igurishwa ry’inyama z’imbwa ryabaye ndanse muri ako karere.

JPEG - 56.6 ko
Umushikiranganji Audax Sompwe

Mu gihe bivugwa ko urudandazwa rw’inyama z’imbwa rukorwa mu kinyegero rwabaye akayobera bahinga aho i Lubumbashi, umushikiranganji ajejwe ibidukikije hamwe n’ukubikingira yarafashe ingingo ruhasha kuri uwo wa gatandatu yo guhagarika ibagwa, igurishwa n’iribwa ry’inyama z’imbwa. Iyo ngingo yayifatiye mu nama yagiranye n’abarongoye intara zose hamwe n’umukuru w’igisagara ca Lubumbashi.
Muri iyo nama, umushikiranganji Audax Sompwe yategetse umukuru w’igisagara n’abandi bari aho bose kwugara vyihutirwa aho hose hahora habagirwa imbwa mu kinyegero «abattoir». Uwo mutegetsi yaciye agabisha uwo wese azofatwa ariko arya inyama y’imbwa. Iyo ngingo yayifashe mu gihe ibarwa n’igurishwa ry’inyama y’imbwa ryimonogoje aho i Lubumbashi.

Nk’uko amakuru dukura ku kinyamakuru Afriquequotidien.com abivuga, uwo mutegetsi yari arajwe ishinga n’ukuntu ico gitungwa kiriko kirahonywa, asaba rero ko imbwa yofatwa nk’igikoko co mu nzu.
Bitayeko, ababaga imbwa nta suku rikwiye bashiramwo, ivyo navyo bikaba bishobora gutera indwara zibangamira amagara y’abantu bivuye kw’isuku rike, nk’uko uwo mushikiranganji yabandanije abisigura.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.