Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Louis Suarez agiye gufatirwa ibihano na FIFA kubera kuryana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Louis Suarez agiye gufatirwa ibihano na FIFA kubera kuryana (...)

Louis Suarez agiye gufatirwa ibihano na FIFA kubera kuryana amenyo

mercredi 25 Ruheshi 2014

Inkino zo mu gice ca mbere c’amahiganwa y’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru kigiye kurangira aho bukera. Imwe mu murwi iramaze gukina inkino zitatu, muri iyo hari iyizobandanya mu gice c’umunani n’iyindi yaraye itekeye imizigo isubira iwabo. Umukinyi Luis Suarez wa Uruguay agiye gufatirwa ibihano kubera amenyo yariye Giorgio Chiellini.

JPEG - 12 ko
aho Luis Suarez yariye amenyo Giorgio Chiellini

Igice ca mbere c’inkino z’ikurakuranamwo mu mirwi, kizorangira kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi. Ejo hahise hakinye ibihugu vy’Ubutariyano na Uruguay igihe c’isaha cumi na zibiri (18h00). Urwo rukino ntirwereye igihugu c’Ubutaliyano caciye gisezera amahiganwa. Si ivyo gusa n’umukinyi Giorgio Chiellini wo muri ico gihugu yariwe amenyo na Luis Suarez wa Uruguay. Luis Suarez agiye gufatirwa ibihano ruhasha n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA. Muri uwo mwanya nyene, hariko hakina, Costa Rica na Angleterre, ico gihugu ca nyuma gica gihamvya Ubutariyano. Mu murwi D, hazobandanya Costa Rica na Uruguay.

JPEG - 29.5 ko
Luis Suarez ahejeje kurya amenyo Giorgio

Isaha zine z’ijoro hakinye ibihugu vyo mu murwi C, Ubuyapani bwatsinzwe na Colombiya buca buratekera bwisubirira iwabo, mu rundi rukino rwariko ruba muri uwo mwanya nyene, Cote d’Ivoire yaciye isezerwa n’Ubugiriki.

Ku rutonde rw’uno munsi kuwa gatatu, Nigeriya itana mu mitwe na Argentine, mu murwi F. Muri uwo mwanya nyene Bosnie Herzegovine ihura na Iran igihe c’isaha cumi na zibiri (18h00), isaha zitandatu naho hakina Honduras na Suisse, ku kindi kibuga hakinire Equateur n’Ubufaransa vyo mu murwi E.

Mwomenya ko muri ayo mahiganwa umukinyi Neymar Junior afise ibitsindo 4, akaba ariwe wa mbere. Abandi bafise 3 ni nka Arjen Robben, Van Persie bose bakina muri (Pays bas), abandi ni Karim Benzema, Valencia Enner, Thomas Muller na Lionel Messi bafise ibitsindo 2 gusa.

JPEG - 20.2 ko
Abakunzi b’igihugu c’Ubutailyano bagandariye igihugu cabo gisezeye inkino

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.