Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kubera iki abantu bahemukiranira mu rukundo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kubera iki abantu bahemukiranira mu rukundo

Kubera iki abantu bahemukiranira mu rukundo

mercredi 9 Nzero 2013

Ukwizerana ku bantu benshi bakundana n’ikintu nyamukuru bagenderako.Ariko rero bivuye kuri iki canke kiriya abantu barahemukiranira.Ibituma rero, biba bibi canke vyiza birabaho ku muntu uwari we wese kandi bigashika atanavyiteguriye.

Urukundo rurabaho ariko rusaba vyinshi.Kwihangana kuri mu bintu bituma urukundo rukomera, ariko bamwe barahemuka bivuye ku bintu bitari bike.

Iyo umuntu abona ko yataye ubwiza yahorana ubwa mbere arahemuka kuko aba atanguye guta ubwizigirwa imbere y’uwo akunda ;
Iyo hari ivyo umuntu akeneye ariko adashobora kubwira uwo bakundana,arahemuka akabironderera ahandi ;

Iyo umuntu adashobora kwihangana arahemukira uwo akunda,ashitse kuwo abona ko afise aca akurikira uwo nyene ;
Iyo umuntu ari mu vyiyumviro vyinshi arashobora guhemuka bigatuma abona ko guhemukira uwo bakundana vyatuma aruhuka mu mutwe ;

Igihe umuntu yumva ko ari umwe arahemukira uwo bakundana kuko aba akeneye kuronka uwomuba hafi ;
Igihe umuntu aba agomba guheba uwo bakundana arahemuka bigatuma umwe bahora bakundana abona ko ata kamaro ko kugumana ;

Igihe umuntu abona ko ata kibi kirimwo arahemuka,ariko muri ico gihe aba abikoze bivuye kuko wewe atabona ko bishobora gutera ibibazo ;
Iyo umuntu yataye ivyiwe arahemuka kuko aba abona ko kubibwira uwo bakundanye vyomutera ingorane mu gihe biba vyatakariye nko m’ubunwero ari kumwe n’abandi ;

Iyo umuntu ashaka kwihora arahemuka bivuye ko uwo baba bakundanye aba nawe yakoze ikintu kimubabaza agashaka nawe ku musubiriza mu nkoko ;

Igihe umuntu aba agomba gushika ku ntumbero yiwe yo guheba uwo akunda arahemuka k’umugaragaro kugira vyorohe mutandukane bitarinze gushika kure.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.