Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuki Tanzaniya yirukana abarundi n’abanyarwanda? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kuki Tanzaniya yirukana abarundi n’abanyarwanda?

Kuki Tanzaniya yirukana abarundi n’abanyarwanda?

samedi 17 Myandagaro 2013

Iyirukanwa ry ‘abarundi n’abanyarwanda baba mu gihugu ca Tanzaniya ni akaryo ka leta ya Tanzaniya yo kwirengagiza gutorera inyishu ingorane zisanzwe zihari. Iyo niyo nsiguro umuhinga mu migenderanire mpuzamakungu abiha.

"Ukutumvikana kwibonekeza hagati y ‘ibihugu vy ‘Urwanda na Tanzaniya kuvyasabwe n’umukuru w‘igihugu ca Tanzaniya yo kugiranira ibiganiro n’abaroberi ba FDLR ntivyosigura ko abarundi n’abanyarwanda basanzwe baba muri co gihugu boca birukanwa", ukwo nikwo bisigurwa n’umwigisha muri kaminuza akaba n’umuhinga mu migenderanire mpuzamakungu, Pascal Niyonkunzi . iyo nsiguro akaba atanzwe n’uyu muhinga inyuma y’iyirukanwa ry’abarundi n’abanyarwanda muri Tanzaniya. Aho birukanwa ubutarariye, atanico batahukanye mu matungo yabo.

Kubwo Pascal Niyonkunzi, leta ya Tanzaniya iriko igerageza kunyegeza ingorane zisanzwe ziri mu gihugu ca Tanzaniya. Hariho ugusamaza cane abenegihugu bo muri Tanzaniya bikorwa na let aya Tanzaniya. Ico gihugu kikabikora mu kwirukana irukana abanyarwanda n’abarundi mu gihe ivyo bihugu vyompi vyariko vyinjira mu muryango w ‘ Afrika y ‘ubuseruko .

Pascal Niyonkunzi yongeye avuga ko mu mwaka w‘1960 , inyuma y ‘ intahe yo kwikukira igihugu ca Tanzaniya cakiriye abanyarwanda benshi cane hamwe n’abarundi aho icivugo c’iyo ntahe y ‘ukwikukira cahamagarira abanyagihugu bava mu bihugu bihana urubibe ko bokwiyumva nkaho boba ari abanyetanzaniya. Ndetse hari n’impunzi nyinshi zaciye zemererwa kuba muri co gihugu. Ariko ubu abategetsi bamwe bamwe bakaba bagiriza abarundi hamwe n’abanyarwanda ko batesha agaciro imico yabo kandi bakongera bakanduza indwara zandukira nk ‘ umugera wa Sida .

Uwo muhinga akaba avuga ko iyo ngendo atazofasha mu migenderanire ya Tanzaniya hamwe n ‘ivyo bihugu bibanyi bibiri mu gihe ubwigenge bwo gutembera mu rivyo bihugu vyari biri mu masezerano yashizeho hagati yabasanzwe bari mu muryango w ‘ Afrika y ‘ Ubuseruko. Ishirahamwe risanzwe rifise icicaro mu gisanzwe kiri i Arusha muri Tanzaniya .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.