Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kumva ushaka kuba wenyene biratuma ugwaragurika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kumva ushaka kuba wenyene biratuma ugwaragurika

Kumva ushaka kuba wenyene biratuma ugwaragurika

vendredi 25 Nzero 2013

Kuguma umuntu ari wenyene si vyiza ku magara yacu. Kuba wenyene biri mubituma mu mu biri wawe utagira intege zikwiye kuko ibigwanira umubiri wawe biba bidafise inguvu.

Abashakashatsi bo muri kaminuza ya Ohio muri Leta zunze ubumwe za Amerika baragize icegeranyo ku vyigwa bibiri. Abo bashakashatsi baciye imice ibiri abantu, aba mbere bari abantu bakuze bageze muzabukuru bafise amagara meza, abandi nabo bari abantu bari baragwaye indwara ya cancer yo mw’ibere. Batororokanije amaraso yabo bantu baca babashira mu bipimo vyo kubabuza amahoro(test de stress), babakoresha n’iyindi mwimenyerezo.

Baciye bagira n’icegeranyo kuvyerekeye ubuzima bwabo basanzwe babamwo, barongera bababaza ico bibaza iyo bari bonyene baca bararaba n’abagenzi bafise kuri facebook cane cane abo bakunda kuyaga kenshi.

Icavuyemwo ni uko basanze abantu bakunda kuba bari bonyene bo mu mugwi wa mbere(mu bafise amagara meza) batihangana iyo bahuye n’ibintu bibarusha mu mutwe nko kuvuga mu bantu canke iyo bariko barakora ibiharuro.

Umugwi wa kabiri (w’abagwaye) basanze abakunda kuba bonyene baciye mu bihe bigoye bibabaje, vy’uguhahamuka n’uburuhe gusumba abandi.

Abantu bibana bonyene bafise hagati y’imyaka 45 na 65 bakunda kugira indwara y’umutima (crise cardiaque) gusumba abandi kuko baba bakunda kuba bonyene.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.