Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kunywa iritiro ry’amazi rirenga ku musi biragabanya ibiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kunywa iritiro ry’amazi rirenga ku musi biragabanya ibiro

Kunywa iritiro ry’amazi rirenga ku musi biragabanya ibiro

samedi 6 Mukakaro 2013

Muri iki gihe turabona abantu benshi bafise ingorane y’ibiro vyinshi birengeye, ugasanga kenshi hari abavuga ngo ni bafate indimu, abandi nabo bakifunga ugasanga barya rimwe ku munsi n’ibindi n’ibindi.

Umuhinga Brenda Davy wo muri Kaminuza y’i Virijiniya, mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika amenyesha ko kunywa amazi ku munsi bifasha kugabanura ibiro.

Kwongereza kunywa amazi ku munsi ni ikintu gito cane, kitazimvye ariko biratuma ushobora kugera ku ntumbero umuntu aba yihaye yo kugabanuka vuba na vuba.

Ni inkuru nziza ku bantu bashaka guta ibiro. Amazi azoba umugenzi wanyu wa mbere nimwibagire ibinini canke na bimwe bita rejime.

Nk’uko ivyigwa 11 vyakozwe n’umwigisha Brenda Davy bivyerekana, amazi ni ikintu ciza gifasha mukugira umuntu ate ibiro. Akamaro kayo kakaba kibonekeza muri ibi bintu bikurikira :

Amazi iyo umuntu ayanyoye atuma yumva ahaze ningoga hama agafungura ibintu bike cane.

Amazi aroza amafyigo hama agatuma kandi asohora imicafu yose iba iri mu mubiri

Amazi afise ibintu aca akora ubwo nyene ku bintu bituma ubushuhe bubaho mu mubiri. Mu yandi majambo, kunywa amazi bituma umubiri wacu uheza bimwe bituma umubiri ugira inguvu twita calorie.

Mu gihe basubiyemwo ivyigwa vyashizwe ahabona kuri ico kintu, umwigisha Davy yabonye mu mirwi myinshi, abagore banywa ikirahuri kimwe c’amazi imbere yo kuja ku meza ngo baca bata ibiro 2 birenga, bitatandukanye na barya banywa amazi basanzwe bariko barafungura.

Ku bakenyezi benshi cane bakunda kunywa ibinyobwa bisosa, bikenewe ko umuntu yosubiriza vya binyobwa vy’i fanta n’imitobe bakabisubiriza amazi. Bazosanga ibiro vyagabanutse cane.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.