Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Oklahoma: Umurwi ujejwe gutabara warangije igikorwa cawo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Oklahoma: Umurwi ujejwe gutabara warangije igikorwa cawo

Oklahoma: Umurwi ujejwe gutabara warangije igikorwa cawo

mercredi 22 Rusama 2013

Umukuru w’umurwi ujejwe gutabara, Gary Bird avuga ko yemeza kuri bice mirongo icenda n’umunani kw’ijana (98%) ko ata muntu agishobora gutorwa mu bihomoka, yaba muzima canke ikiziga.

Ico gihuhusi cahitanye abana icenda, basanze carimwo agashururwe ka mbere gakomeye.

Cari gitekeye imiyaga irenza umuvuduko wa kilometero 320 kw’isaha, aho cakubuye kigatongora igisagara ca Moore, ku nkengera za Oklahoma.

Buramatari wa Oklahoma, Mary Fallin yavuze ko abapfuye bashobora kuba ari 24, kuko hari ibiziga bishobora kuba vyashotse bijanwa mu mazu yo kubitegura imbere yo gushingurwa.

Ibiziga vyavugwa ko ari 51 vyongeye gusubirwamwo guharurwa, igihe umuganga amariye kumenyesha ko hari abazize ico gihuhusi boba baharuwe kabiri.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.