Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kwitiranya umwana wabo na Yezu vyabashikanye mu butungane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kwitiranya umwana wabo na Yezu vyabashikanye mu butungane

Kwitiranya umwana wabo na Yezu vyabashikanye mu butungane

jeudi 15 Myandagaro 2013

Izina Messiah risigura umucunguzi w’abantu, ari navyo vyatumye iryo zina ryariswe Yesu (Yezu) we ncungu y’abantu. Muri Leta ya Tennesse, aho ni muri Leta Zunzubumwe z’Amerika, abavyeyi bise umwana wabo Messiah ubu urubanza rwabo ruri muri Sentare ku mvo z’uko basabwe guhindurira uwo mwana iryo zina, nabo baravyanka.

Mu ndwi iheze, niho umukozi wo mu biro bijejwe kwandika abana yategetse abavyeyi b’uyo mwana w’amezi 7 kumuhindurira izina akava kuri Messiah akitwa Martin, izina ry’abavyeyi biwe. Abavyeyi b’uyu mwana ntibanezerejwe n’ivyo basabwe, maze bahitamwo kwitura Sentare. Ntivyatevye kuko sentare imaze kubumviriza, nayo yaciye ibategeka kudateba guhindra izina ry’uwo mwana. Imvo nayi si iyindi, n’uko izina Messiah ari iry’umuntu umwe wenyene, akaba ari nawe ategerezwa kuryitwa, uwo nawe si uwuni ni Yezu (Yesu) kuko ariwe yacunguye abemera bose.

Abashikirizamanza bavuga ko mu gihe boreka uwo mwana akabandanya yitwa iryo zina vyohava bituma akuze yogirana ibibazo n’abantu benshi b’abakirisitu kubwo kwitiranwa n’umucunguzi wabo.

Nyina w’uwo mwana ariwe Jaleesa Martin yamenyesheje ko azobandanya kwitura sentare y’iyungururizo kuko iryo zina arikunda cane. Yagize ati : "Umuntu arafise uburenganzira bwo kwiyumvira ivyo ashaka, ariko jewe ndumva ntegerezwa kwita umwana wanje izina "Messiah" kuko ariryo nshaka. Nta muntu afise ubushobozi bwo kurimbuza.”

Umushikirizamanza Ballew we avuga ko iryo zina rishobora kuzoteranya uwo mwana n’abantu baba mu karere yavukiyemwo, na cane cane ko harwiriye abakirisitu.

Yamenyesheje ati : "Izina Messiah ni izina ry’umuntu umwe gusa kuri iyi si kandi uwo muntu ni Yezu Kristu gusa. Uwo mwana rero ashobora kugirana ibibazo vyinshi n’abakristu igihe azoba akuze. Nta n’ikindi kiriko kiradutuma twanka ko aryitwa.”


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.