Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
LA Haye : Ukwunguruza urubanza kwa Taylor kwanswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > LA Haye : Ukwunguruza urubanza kwa Taylor kwanswe

LA Haye : Ukwunguruza urubanza kwa Taylor kwanswe

jeudi 26 Nyakanga 2013

Sentare ya ONU iri i La Haye yanse urubanza rw’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Liberia Charles Taylor, yari yunguruje ku vyaha vyo mu ntambara yagirijwe. Umucamanza yasubiye kwemanga igihano c’imyaka mirongo itanu cahawe Taylor mu ntango, avuga ko gikwiye kandi kibereye.

Taylor yagiriwe n’icaha co gufasha abarwanyi mu ntambara yo muri Sierra Leone, igihugu gihana urubibe na Liberia. uwahoze ari umukuru w’igihugu wa mbere yagiriwe ivyaha vyo mu ntambara na sentare mpuzamakungu, kuva mu gihe c’imanza za Nuremburg zaciriwe aba Nazis. Abajejwe intwaro mu Bwongereza bemeye kuzokwakira Taylor mw’ibohero.

Twobibutsa ko Charles Taylor yahoze ari umukuru w’igihugu ca Liberia mu mpera yo mu myaka y’1990. Uyo mugabo, akaba yagirijwe ivyaha vyo mu ntambara yabaye muri ico gihugu, intambara yamaze imyaka irenga icumi.

Taylor rero akaba yari yavukiye mu gisagara ca Arthingtor muri Liberia mu mwaka w’1948, ubu akaba amaze imyaka 65. Mu mwaka w’2012, akaba ariho yagirwa n’ivyaha arerwa, maze acirwa gupfungwa imyaka 50.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.