Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Laurence Langen niwe yatowe ko ari mwiza kuruta abandi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Laurence Langen niwe yatowe ko ari mwiza kuruta abandi

Laurence Langen niwe yatowe ko ari mwiza kuruta abandi

lundi 13 Nzero 2014

Amahiganwa yo gutora umukobwa mwiza kuruta abandi wo mu gihugu c’Ububirigi mu mwaka w’2014 yarangiye ku munsi wa gatandatu. Umukobwa w’imyaka 19 avuka i Genk mu gisagra ca Limbourg, yiga mu gisata c’amategeko i Bruxelles, ni we yambitswe igitsibo.

Laurence Langen ni we yatowe nk’umukobwa wa mbere mwiza mu gihugu ca Belgique w’umwaka w ‘2014. Uwo yaraye yambitswe iryo kanga asubiye mu kibanza ca Noemie Happart ava i Liege. Laurence yakwirikiwe na Anissa Blondin na laura Charlie bita dauphine.

Abahiganwa bangana 24, igihe ca 21h00, Umuryoshabiteramo Patrick Ridremont na Veronique kock, baciye batangaza 18 ba mbere. Muri ivyo birori, hari n’abandi bakobwa batowe ku bundi burangantore bafise, abo ni uwitwa Emilie Hendrickx « miss charity », catherine Haduca « Beach Babe » bisigura umukobwa mwiza wo ku kiyaga, Cindy Sabbe « Miss Social Media », Maïté Royer "Miss Sport", Maureen Caltagirone "Miss Talent", Lotte Feyen "Miss Photogenic".

Bahejeje gutambuka birebanga imbere bambaye twaduhuzu two ku kiyaga Bikini, abakobwa 6 baraciye basezera ihiganwa, haca hasigara 12. Abari bajejwe gutanga amanota mu nyuma bakuyemwo abandi batandatu maze hasigara 6, ari na bo batowemwo Laurence Langen.

Ahejeje gutorwa yaciye ashikiriza ijambo avuga ko agiye kwitangira iciza cose coba mu gihugu ciwe kandi kwagiye guserukira bimwe bihagije igihugu camwibarutse, yaranashimiye uwa kabiri n’uwa gatatu.

Mu guheraheza ivyo birori, Darline Devos yateguye amahiganwa, n’umunezero mwishi, yarakeje uwo ahejeje gutorwa n’abandi bashoboye gushika muri batandatu ba mbere, aca abasaba guserukira vy’ukuri igihugu cabo.

JPEG - 11.3 ko
amarira y’umunezero

Cherif Nkeshimana

Messages

  • bradubeshe ngira ni miss laide....mbona ubwiza atari ikirenga. umuntu atagira udususu...ndeka nikundire umugore wanje aba bobo bakwiye umuganga wo kubapima

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.