Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Laurent Bagbo ariko yiyamamarizwa kurongora umugambwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Laurent Bagbo ariko yiyamamarizwa kurongora umugambwe

Laurent Bagbo ariko yiyamamarizwa kurongora umugambwe

jeudi 27 Munyonyo 2014

Laurent Bagbo yahoze arongoye igihugu ca Cote d’Ivoire yamamarijwe kurongora umugambwe yashinze mu mwaka w’1982.

Laurent Bagbo asanzwe anapfungiwe mw’ibohero ry’i La Haye kubera ivyaha yagirijwe vyo guhohotera ikiremwa muntu, ni nawe mukuru w’igihugu umwe rudende anapfungiwe muri iryo bohero. Laurent Bagbo na Pascal Affi N’Guessan akaba aribo batanzwe na comite nshingwantwaro y’umugambwe FPI (Front Populaire Ivoirien). Bamwe mu bari muri uwo mugambwe bakabona ko Bagbo bitokunda ko atwara uwo mugambwe mu gihe asanzwe atiyandikiye ikete n’iminwe kugira asabe kurongora umugambwe, bati eka noneho, ntivyokunda kuko asanzwe ari mw’ibohero, atorongora umugambwe abayoboke biwe batamubona.

Uwo mutama w’imyaka 69 y’amavuko asanzwe ari mw’ibohero kuva mu mwaka w’2011 akaba yagirizwa na sentare mpanavyaha mpuzamakungu kuba yarahohoteye agateka ka zina muntu n’ibindi vyaha bikomeye, igihe yari arongoye ico gihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.