Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
« Le Majordome » ireresi yarijije Barack Obama - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > « Le Majordome » ireresi yarijije Barack Obama

« Le Majordome » ireresi yarijije Barack Obama

mercredi 28 Myandagaro 2013

Mu gihe yariko araraba ireresi yitwa “Le Majordome” umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika Barack Obama, amenyesha ko yakoroye amosozi, aravye ibikorwa bamwe mu birabure bakora ku kirimba iwe Maison Blanche.

Obama avuga ko aravye "Le Majordome" yarize. Avuga ko atarijijwe nabo birabure bakoze aho ku kirimba iwe imbere y’uko ahaza, ariko yarijijwe n’abandi bari bashoboye gukora aho ku kirimba, ariko kubera amategeko y’amacakubiri, kwinuba abandi n’ukubakengera ivyo bigatuma abirabure bashoboye ubuzi bataburonswa, nk’uko bivurwa na Barack Obama mu kiganiro yahaye umumenyeshamakuru w’iradiyo Tom Joyner. Ariko kubera ubutwari n’ukuguma kw’ibanga, abo ba majordome barihanganye, bakazindukira ku mirimo. Amenyesha ko barihanganiye ibintu vyinshi, bagakoresha ukwizera, ko umunsi uri izina hazoba umunsi mwiza kuri bo, noku bana babo, nk’uko bibandanya bivurwa n’umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure wa Leta zunzubumwe z’Amerika.

Abakinyi b’amareresi, abaririmvyi, n’abandi bahinga mu vy’utugenegene batandukanye, baraboneka cane muri iyo reresi yateguwe na Lee Daniel akaba n’umukozi w’imboneshakure Oprah Winfrey, yerekanye ndetse ko ashigikiye cane umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, igihe yariko ariyamamaza ubwa mbere. ndetse n’umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika aramushima cane.

Obama avuga ko aba majordome bakora ubu ku kirimba iwe, igihe yaja kuhaba mu kwezi kwa Nzero mu mwaka w’2009, banezerewe cane, ndetse bamwakirana igishika n’umuryango wiwe. Avuga ko anezerwa cane n’abo bakozi, kuko abana babo canke abuzukuru babo usanga basa n’abana ba Obama aribo Malia na Sasha.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.