Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leta zunze ubumwe za Amerika n’Ubwongereza vyiyemeje gutorera inyishu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Leta zunze ubumwe za Amerika n’Ubwongereza vyiyemeje gutorera inyishu (...)

Leta zunze ubumwe za Amerika n’Ubwongereza vyiyemeje gutorera inyishu Siriya

mardi 14 Rusama 2013

Ibihugu vya Leta zunze ubumwe za Amerika n’Ubwongereza, bimenyesha ko bigiye kubandanya gufasha abatuvuga rumwe na Leta ya Siriya, mu ntumbero yo gushigikira ubutegetsi mfatakibanza bwosubirira Bachar al Assad.

Umukuru w’ igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika yavuze ko urwego rwo gusubiriza Bachar al Assad arico kintu nyamukuru bazokwiga mu nama igiye kuzobera i Geneve mu minsi iza, Leta zunze ubumwe za Amerika rero ikaba iherutse kwemererwa n’Uburusiya gushigikira iyo nama.

Barack Obama yamenyesheje ko igihugu ciwe hamwe n’ Ubwongereza, vyumvikanye kwongereza igitsure ku butegetsi bwa Siriya kugira bugondoze Bashar al Assad ave ku butegetsi.

Obama yabwiye abamemenyeshamakuru i Washngton ko ivyo bihugu vyompi bizokora uko bishoboye kugira bihuze abaserukira Leta ya Siriya n’abayirwanya mu nama y’amahoro izobera i Geneve mu minsi iza , naho bitoroshe nk’uko Obama abandanya abimenyesha.

David Cameron nawe yavuze ko Ubwongereza bugiye gutera akamo ibindi bihugu vya Buraya birekurire abarwanya ubutegetsi bwa Siriya kugura ibirwanisho.
Yavuze ko Ubwongereza bugiye kugwiza na kabiri imfashanyo ku barwanya Assad.

Ivyo bikaba vyamenyekanye inyuma y’inama yahuje umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe na David Cameron umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.