Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leta zunzubumwe z’Amerika zahaye Syria indwi imwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Leta zunzubumwe z’Amerika zahaye Syria indwi imwe

Leta zunzubumwe z’Amerika zahaye Syria indwi imwe

lundi 9 Nyakanga 2013

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Leta zunzubumwe z’Amerika n’amakungu, John Kerry yavuze ko Amerika ishobora guhagarika ibitero vya gisirikare igiye gutera igihugu ca Syria niba Assad umukuru w’igihugu ca Syria yemeye gushira hasi, agashikiriza ibirwanisho vyiwe vy’uburozi mu gihe kitarenze indwi imwe.

Ariko Assad ivyo asa n’uwutavyumva. John Kerry yabivuze ivyo ashitse i Londres mu gihugu c’Ubwongereza ku munsi wa nyuma w’urugendo rwiwe mu bihugu vya Buraya, aho yagerageza kurondera abo bafasha muri ivyo bitero. Uburusiya na Syria ariko basavye Amerika kuronderera ibiganiro mu babafasha mu biganiro vy’amahoro aho guharanira ibitero vya gisirikare.

Amaze kubonana na mugenzi we wa Syria i Moscou, umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu, Sergei Lavrov yavuze ko inyishu ya politike ishoboka.Yagabishije Leta zunzubumwe z’Amerika ko ibitero ya gisirikare bizokwongereza iterabwoba. Umushikiranganji w’imigenderanire wa Syria, Walid al-Moualem we yavuze ko Amerika iriko ishigikira abagira iterabwoba.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.