Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Liban: Ikigandaro ku gihugu cose mu kwibuka abahitanywe n’umutego (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Liban: Ikigandaro ku gihugu cose mu kwibuka abahitanywe n’umutego (...)

Liban: Ikigandaro ku gihugu cose mu kwibuka abahitanywe n’umutego w‘abihevyi

samedi 24 Myandagaro 2013

Umusi umwe gusa inyuma yawa mutego wagiriwe umuduga wari utwaye abantu mu Buraruko bwa Libani ugahitana abantu 42 bitavye Imana na 500 bakomeretse, igihugu ca Libani kikaba cashimye kugira ikiganadaro c’igihugu cose.

Igihugu ca Libani categuye ikigandaro c’igihugu cose kuri uwu musi wa 6 igenekerezo rya 24 Myandagaro. Ku musi w‘ejo abihevyi barateze umutego imodokari abantu 42 barahasiga ubuzima abandi 500 barakomereka nk‘uko bishikirizwa ni umuryango utabara imbabare Croix Rouge wo mu gihugu ca Libani. Iryo bara rikaba ryabibukije ibindi bitero bikomeye vya bihevyi vyabaye mu ntambara yo 1975 -1990.

Mu gisagara kinini c’i Tripoli gisanzwe kirimwo n’aba sunites benshi, ibibombe vyaratewe ngaho ku musigiti uri hagati mu gisagara uwundi nawo hafi y‘ikivuko hagabuwe n’ibirometero 2 gusa, ivyo bi bombe bikaba vyarateye ubwoba abari aho mu gihe bariko barasenga aho basengera harasambuka.

Ico gitero c’abihevyi kikaba kibaye indwi imwe gusa inyuma y‘ikindi cahitanye abantu 27. Akaba ari igitero cahitanye abantu benshi kuva mu mwaka wa 1990.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.