Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libani : Agateka k’abakozi b’abanyamahanga ntikubahirijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Libani : Agateka k’abakozi b’abanyamahanga ntikubahirijwe

Libani : Agateka k’abakozi b’abanyamahanga ntikubahirijwe

vendredi 17 Rusama 2013

Abanyetiyopiya, abanyanepale, abanyafilipine, bagiye kurondera akazi mu Gihugu ca Libani ntiborohewe, abakora ubuzi bwo mu mazu barafatwa nabi cane, harimwo guhohoterwa birenze urugero.

Bamwe bamwe no gukubitwa barakubitwa, abandi bakaguma bugaranywe bakabankira gusohoka. Hari n’abandi bakoreshwa ku nguvu guhera isaha cumi na zibiri zo mugatondo gushika isaha zitandatu z’ijoro ataco bafunguye.

Hari n’abiyahura kugira baruhuke izo ngorane nk’umunyetiyopiya Alem yiyahuye mu 2011. Abandi bagerageza guhunga, nk’umunyafilipine Nenen mu 2012.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aragerageza kuja hamwe mu ntumbero yo gufasha abo bantu. N’abatowe nka Ghassan Moukheiber, umushingwamanza akaba n’umushingamateka, eka akaba kandi n’umunyamabanga mukuru w’umurwi wa gateka kazina muntu mu nama nshingamateka y’igihugu ca Libani, azoba ari umutumire mu kiganiro Orient Hebdo ejo kuwa gatandatu igenekerezo rya 18 Rusama 2013.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.