Accueil > Inkino > Amahiganwa > Liberat Hicintuka arashima intererano y’umukuru w’igihugu
Liberat Hicintuka arashima intererano y’umukuru w’igihugu
lundi 11 Ruhuhuma 2013
Abakinyi bakina urukino rwa Tennis bafise imyaka iri hagati ya 12 na 16,baratahukanye intsinzi mw’ihiganwa ryabereye mu gisagara ca Dar-Es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.
Iryo higanwa ryahuza ibihugu 10 vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.Abakinyi baserukiye igihugu c’u Burundi bavyitwayemwo neza kuko bashoboye gutahukana intsinzi imbere y’abandi bakinyi bava mu bihugu bitandukanye.
Nk’uko umukuru w’ishirahamwe ry’urukino rwa tennis Liberat Hicintuka yabimenyesheje,ngo arashima cane intererano umukuru w’igihugu yabahaye haba mu bijanye n’uburyo canke mu bijanye n’impanuro.
Tubamenyeshe ko kubera ico kibanza ciza batahukanye umukuru w’igihugu yabakiriye mu biro iwe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2013.
Mugisha Van Naris