Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Liberia : Amashure yasubiriye gukora inyuma y’amezi atandatu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Liberia : Amashure yasubiriye gukora inyuma y’amezi atandatu (...)

Liberia : Amashure yasubiriye gukora inyuma y’amezi atandatu yugawe

mardi 17 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Amashure yo mu gisagara ca Monrovia, mu gihugu ca Liberia yasubiye gukora kuva kuri uwu wa mbere, inyuma y’amezi agera kuri atandatu yugawe mu ntumbero yo kurwanya ikwiragizwa ry’imigera ya Ebola.

Naho ayo mashure yasubiriye kwakira abanyeshure bari bamaze amezi atandatu muhira, hari ingingo nyinshi zafashwe z’ukugerageza kurwanya ikwiragizwa ry’imigera itera indwara ya Ebola kuri ayo mashure. Mu gisagara Monrovia muri ico gihugu ca Liberia, ku bwinjiriro bwose bw’amashure hashizweho abakozi bafise ivyuma bifata ubushuhe bw’umubiri w’abanyeshure, hamwe n’indobo z’amazi arimwo imiti yica udukoko kugirango abanyeshure bayakoreshe mu gukaraba intoki.

Ariko rero, amashuri menshi yo mu turere tutegereye igisagara ntiyashoboye kwugurura kuri uwu wa mbere nk’ayandi, kubera adafise ibikoresho vya mbere vya nkenerwa nk’intebe n’amasabune bikenerwa mu kwirinda iyo ndwara ya Ebola.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.