Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libiya : Abantu 36 baguye mw’isanganya ry’ubwato - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Libiya : Abantu 36 baguye mw’isanganya ry’ubwato

Libiya : Abantu 36 baguye mw’isanganya ry’ubwato

lundi 12 Rusama 2014

Abantu begera kuri 36 nibo bitavye Imana, 42 nabo baraburirwa irengero ryabo, inyuma y’isanganya ry’ubwato bwarimwo abantu barenga 130 ryabereye mu kiyaga co muri Libiya.

Nk’uko vyashikirijwe na Colonel Ayoub Kassem ari mubatabaye abo bari mu rugendo mu bwato, isanganya ryabereye ku birometero bine hafi y’inkengera y’uruzi rwa Garabulli ruri ku birometero 50, mu buseruko bw’igisagara ca Tripoli. Abantu bari muri ubwo bwato bashoboye kurokorwa, bagera ku 52, bakaba bava mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika. Ibiziga bigera navyo kuri 36 akaba arivyo bimaze gutorwa gushika ubu, muribo hakaba harimwo n’umukenyezi umwe yari yibungenze.

Bamwe mubacitse kw’icumu bavuga ko ubwo bwato bwari butwaye abantu bagera kw’136 bavuye mu mihingo itandukanye nko muri Mali, Sénégal, Gambie, Cameroun, Burkina Faso, n’ahandi.
Kubwa coloneli Ayoub Kassem, mu vyoba vyatumye ubwo bwato bugira isanganya, n’igice c’ubwato gituma bureremba hejuru ku mazi coba cari cononekaye bivuye ku buremere bw’ibintu n’abantu bwari butwaye, inyuma yaho buviriye ku kiyaga ca Garabulli.

Tubibutse ko mw’ibahari Méditeranée ihuza igihugu ca Libiya n’ibihugu vya buraya abantu insinzi bamaze kuhasigira ubuzima, ku mwaka ku mwaka, bivuye ku ngendo bagira mu mpisho kandi zidaciye no mu mategeko mu kujabuka iyo bahari baja mu bindi bihugu.
Mwomyenya kandi ko Libiya ari igihugu gihana imbibe n’ibihugu vya buraya, ivyo navyo bigatuma abantu batari bake bavuye mu bihugu vya Afrika bahitamwo iyo nzira inyaruka gushika, baciye mu mazi mu kuja mu bihugu vya buraya vyegereye Libiya.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.