Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libiya : Amasanamu y’umukozi w’ubuserukizi bwa Tuniziya yanyurujwe yashizwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Amasanamu y’umukozi w’ubuserukizi bwa Tuniziya yanyurujwe yashizwe (...)

Libiya : Amasanamu y’umukozi w’ubuserukizi bwa Tuniziya yanyurujwe yashizwe ahabona

lundi 21 Ndamukiza 2014

Umurwi w’abarwanyi ba Chabab Al-Tawhid warashize ahabona amasanamu y’umukozi w’ubuserukizi bwa Tuniziya muri Libiya. Muri ayo masanamu, uwo yanyurujwe asaba umukuru w’igihugu ca Tuniziya kuganira n’abo barwanyi.

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Libiya n’ayandi makungu, Mongi Hamdi amenyesha ko abo barwanyi ata kindi bashaka atari irekurwa ry’abanyeribiya bagirizwa ubwihevyi muri Tuniziya. Abo banyeribiya bafashwe bagirizwa kuba baragize uruhara mu gitero c’abihevyi cabereye i Roubia mu buraruko bushira uburengero bwa Tuniziya.

Ku kibazo c’uwo yanyurujwe Mohamed Ben Cheikh, bamenyesha Reta ya Tuniziya ko ata biganiro igiraniye n’abo barwanyi atazorekurwa, kandi ata gikozwe vuba ashobora no kwicwa. Yari amaze imyaka 12 akorera ubwo buserukizi bwa Tuniziya muri Libiya.

Mwomenya ko hari n’uwundi mutegetsi yitwa Al-Aroussi Kontassi, akora mu buserukizi bwa Tuniziya muri Libiya yanyurujwe n’uwo murwi nyene kuwa 17 Ndamukiza. Muri ayo masanamu aheruka gushirwa ahabona akaba ataho bigeze bamuvuga.


Isabelle Simbarakiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.