Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libiya : Benghazi iciro ry’umugani ku bubisha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Benghazi iciro ry’umugani ku bubisha

Libiya : Benghazi iciro ry’umugani ku bubisha

mardi 29 Ndamukiza 2014

Mu gihugu ca Libiya abasirikare babiri bagandaguwe abandi babiri barakomereka, mu gitero cagizwe ku basirikare i Benggazi, nk’uko aya makuru ava mu gisirikare co muri ico gihugu.

Umuduga uri mu bwoko bwa voiture waturikiyemwo igisasu hafi y’abasirikare bacungereye ikibuga c’indege c’i Benghazi, nk’uko vyamenyeshejwe na bamwe mu basirikare batashatse ko bavugwa amazina bakorera muri ako gace, ko bagenzi babo babiri bitavye Imana mu gihe abandi nk’abo bakomeretse cane.

Mwomenya ko no mu bitaro Al-Jala i Benghazi bamenyesheje urupfu rw’abasirikare babiri. Kuva Mouammar Kadhafi atembagazwa ku butegetsi mu mwaka w’2011, akarere ku Buseruko bw’ico gihugu ca Libiya, kakaba karabaye iciro ry’umugani ku bitero vy’agasakisaki biguma bihabera, aho abantu batandukanye baguma bahasiga ubuzima, ivyo bitero ariko kenshi, bikagirwa ku baporisi. Mu kwezi kwa Kigarama umwaka uheze, abantu 13 bakaba baragandaguwe muri ubwo buryo, bwabihevyi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.