Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libiya: Itinya intureka yokwaduka imbere y’uko isabukuru yo kwibuka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya: Itinya intureka yokwaduka imbere y’uko isabukuru yo kwibuka (...)

Libiya: Itinya intureka yokwaduka imbere y’uko isabukuru yo kwibuka impinduka iba

mardi 5 Ruhuhuma 2013

Intandagaro y’iryo shavu ry’abanyagihugu n’ubuzima buzimvye n’ubushomeri buhanze urwaruka. izindi nsiguro z’icateye iryo shavu ni ugusaba kudafashe ko intara zimwe zimwe zokwigenga no kwiyamiriza ingingo zafashwe n’ubutegetsi. ivyo bikaba bivugwa na Mohamed al-Mufti yahora apfungiwe ivya politike.

Mbega iyo myiyerekano izokorwa mu mutekano ntangere ?
Ku bwa zahia Attia “ kuzoba ari imyiyerekano ikozwe mu mutekano mukuyikora tuzokwicara hamwe twongere tugendagende kugira twiyamirize inama nshingamanteka ko vyayinaniye ko isubiza hamwe abene gihugu,ko igaburira amatungo y’igihugu beneco no gushiraho ibwirizwa shingiro rishasha.

Hirya y’iryo himirizwa ryo kugira imyiyerekano biragaragara ko hashobora kuba impinduka igira kabiri( seconde revolution). Impapuro zidasinyeko zirirwa ziratabwa I Tripoli zihamagarira abantu mu mugumuko” nuko abanyagihugu bogarariza Reta kugirango itembagazwe bagasaba abanyalibiya kuziganya indya n’igitoro bazokoresha mugihe uwo mugumuko uzoba umaze gutangura kuva igenekerezo rya 15 ruhuhuma.

Iryo himirizwa riraca kandi no kubuhinga ngurukanabumenyi ndetse no mubimenyeshamakuru bimwe bimwe.

Kubera ubwoba bw ‘ivyokwaduka murico gihe Reta ya libiya yasavye abasirikare n’abapolisi kumera magabo.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu Ashour shwayel yavuzeko afise amakenga yuko iyo myiyerekano yohava ita akaranga ko gukorwa mu mutekano igahava ivamwo intambara ariko akemeza ko umunyagihugu wese afise uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro vyiwe vya politike

Abadaharanira ivya politike bo bipfuza ko iyo myiyerekano boyikora mu mutekano bati « ivyosabwa vyoba bishingiye ku vyokosorwa mubitagenze neza mu mpinduka (revolution) ariko ntivyoshingira ku gukuraho inzego kuko zagiyeho biciye mumategeko.» ivyo vyavuzwe na Amor Bouchada arongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike muri libiya.

Abarongoye amashirahamwe nimirwi y’abaharanira imico ya kiislamu bagiriza abayoboke ba kadafi ko aribo bari inyuma y’iyo migumuko « bagomba guteza akajagari no kugumiza igihugu muruhagarara »


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.