Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libiya : Saadi Kadhafi yasubijwe i Tripoli inyuma yo guhungira muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Saadi Kadhafi yasubijwe i Tripoli inyuma yo guhungira muri (...)

Libiya : Saadi Kadhafi yasubijwe i Tripoli inyuma yo guhungira muri Niger

jeudi 6 Ntwarante 2014

Saadi Kadhafi, umuhungu wa Mouammar Kahafi yahoze ari umukuru w’igihugu ca Libiya yagarukanywe i Tripoli inyuma y’imyaka 3 ari muri Niger, aho yari yahunze ishamirano yabereye muri Libiya, ikurikiye isenyurwa ry’umutegetsi bwa se.

Mw’itangazo ryasohowe na Reta ya Libiya kuri uyu wa kane igenekerezo rya 6 Ntwarante 2014, bamenyesha ko Reta ya Niger yaraye isubije Saadi Kadhafi, umuhungu wa Mouammar Khadafi muri Tripoli, aho ubu ari mu minwe y’igiporisi ca Libiya.
Iryo tangazo ribandanya rivuga ko Reta ya Libiya yiteguriye gucira urubanza Saadi Kadhafi, nkuko amategeko mpuzamakungu ku bijanye n’abafungwa abisaba.

Ku muhora wiwe wa Facebook, ikirindiro c’abahoze ari abaroberi cerekana amasanamu ya Saadi Kadhafi bakiriko baramumwa imishatsi n’ubwanwa bakoresheje itondezi y’umuyagankuba (rasoir electrique). Aho akaba yarapfukamye yambaye umwambaro usa n’ubururu ari ku matera iri hasi akikujwe n’abantu benshi.

Tubibutse ko uwo muhungu wa Kadhafi afise imyaka 39 yari yahungiye i Niamey mu gihugu ca Niger mu mwaka w’2011 kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu. Kuva ico gihugu ca Niger kimuhaye ubuhingiro, ubutegetsi bwa Libiya bushasha ntibwahengeshanije gusaba ko bamugarukana mu gihugu kugira ubutungane bukore. Mu mwaka w’2012, umukuru w’igihugu ca Niger, Mahamadou Issoufou akaba yari yamenyesheje ko Saadi Khadafi bamuhaye ubuhungiro ku mpamvu z’agateka ka zina muntu.

Libiya ikaba imwagiriza kuba yarigaruriye ubutunzi ku nguvu hakoreshejwe n’igikenye, igihe yari ayoboye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Libiya. Igiporisi kijejwe gucungera imbibe muri Libiya kikaba cari carasavye ibihugu 188 bisanzwe bihurikiye hamwe na Libiya mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kumuhagarika.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.