Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libreville : Abarwizatunga b’abarundi bari mu nama na bagenzi babo bo muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Libreville : Abarwizatunga b’abarundi bari mu nama na bagenzi babo bo muri (...)

Libreville : Abarwizatunga b’abarundi bari mu nama na bagenzi babo bo muri Gabon

jeudi 11 Mukakaro 2013

Mu gisagara ca Libreville, kuva ku munsi wa kabiri hariko harabera inama hagati y’abarwizatunga b’abarundi n’abo mu gihugu ca Gabon, iyo nama ikaba ije yisunga iyaheruka kubera i Bujumbura haraheze amezi make.

Muri iyo nama yatunganijwe n’igisata kiraba ivy’ubudandaji mu gihugu ca Gabon, intumbero nyamukuru ni ugukomeza imigenderanire hagati y’abarwizatunga b’ivyo bihugu vyompi, kakazoba kandi n’akaryo ku barwizatunga b’abarundi ko kwirabira uko abandi bakora n’inyungu yo kwagura imihora na kare ko « Akanyoni katagurutse katamenya iyo bweze.»

Iyo nama izofasha gukomeza kandi ubucuti hagati y’amashirahamwe n’amahinguriro mato n’ayabayabaye yo muri ivyo bihugu vyompi, hakaba hategekanijwe n’ihayanishwa gurisha.

Tworangiza tubamenyesha ko hateguwe kandi imibonano hagati y’abarongoye amahinguriro n’amashirahamwe bitavye iyo nama, aho bazorabira hamwe ingene boteza imbere ibisata vy’uburimyi, ubworozi, uburovyi, ibisata vyo kwenga, ububaji, amabanki, amagara y’abantu, igisata c’ingenzi, n’ibindi


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.