IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > LIGUE ITEKA isaba Reta guhana umukuru w’ikirindiro c’igiporisi ku (...)

LIGUE ITEKA isaba Reta guhana umukuru w’ikirindiro c’igiporisi ku Musaga

samedi 18 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu (LIGUE ITEKA) risaba Reta guhana uwurongoye ikirindiro c’igiporisi ku Musaga OPP2 MANIRAMBONA Désiré, inyuma y’aho mw’ijoro ryo kuwa kabiri hari umunyagihugu agandaguriwe aho ku Musaga akuwe mu gasho. Muri LIGUE ITEKA bahamagarira Reta gushengeza mu butungane uwo mukuru w’ikirindiro, kugira Reta yerekane ko atariyo yari yamutumye.

Anchaire NIKOYAGIZE, umukuru wa LIGUE ITEKA yibutsa ko amategeko y’Uburundi atemera ko hasakwa ibirwanisho mw’ijoro, iyo hamaze kugera isaha cumi na zibiri z’umugoroba abajejwe umutekano bakaba bategerezwa kurindira bugaca. Kubwa LIGUE ITEKA, kubona uwo muntu bamusohoye mu gasho mw’ijoro kugira aje kwerekana ibirwanisho, wari umugambi w’ukumwica bamurashe bonyene. Iryo shirahamwe rikavuga ko namba uwo munyororo yari yemeye ko azi ahari ibirwanisho, abajejwe umutekano bari kurindira bugaca, bakamutwarayo ku murango, ari naco gituma uwomubazwa wa mbere ari umukuru w’ico kirindiro.

Tubibutse ko umunyagihugu yahora apfungiwe muri zone Musaga yishwe, mu giporisi bakamenyesha ko uwo yishwe yari yafashwe kuri uwu wa kabiri yagirizwa ko ari mu bahungabanya umutekano, bakavuga ko yahitanwe n’amasasu hagati y’abaporisi n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho, nk’uko igiporisi kibisigura.

Emmanuel NAHIMANA niwe yishwe, akaba yari yafatiwe mu Gikoto, muri zone Musaga akekwa ko ari mu bantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano.

Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri ariho igiporisi camukura mu gasho ka zone Musaga, Emmanuel NAHIMANA akaba yari yemeye ko agiye kwerekana ahari ububiko bw’inkoho mu Kinanira.

Umukuru w’ikirindiro co ku Musaga, OPP2 MANIRAMBONA Désiré asigura ko bashitse kw’ibarabara rya gatanu mu Kinanira, barashwe n’abantu bitwaje inkoho bari babategereye, igiporisi gica kirasana n’abo bantu, ayo masasu akaba ariyo yahitanye uwo musore Emmanuel NAHIMANA yari mu minwe y’abajejwe umutekano. Ku ruhande rw’abajejwe umutekano akaba atacononekaye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.