Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Liliane bettencourt umugore wa mbere atunze kw’isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Liliane bettencourt umugore wa mbere atunze kw’isi

Liliane bettencourt umugore wa mbere atunze kw’isi

mardi 5 Ntwarante 2013

Muri kino gihe biramaze kuboneka ko liliane Bettencourt ariwe mukenyezi wa mbere kw’isi atunze cane ivyo vyashizwe ahabona n’ikinyamakuru co muri amerika cama cerekana uko umwaka utashe abatunze gusumvya abandi citwa Forbes casohotse kuruyu wa mbere igenekerezo rya 4 Ntwarante 2013 aho cerekana ko ubu mw’isi hari aba milliardaires 1.426.

JPEG - 17.4 ko

Uwo mukenyezi rero akaba afise imilliaridi 30 z’amadorari aho mumwaka uheze yari afise imilliaridi 24 z’amadolari bisigura ko muri uyu mwaka yisununye yongerako imilliaridi 6 z’amadollari bituma ava ku kibanza yariko mu mwaka uheze ca 15 aja ku ca 9 akaba aciye imbere umunyamerikakazi yitwa Christy Walton samuragwa w’isoko nkuru yitwa WalMart ari nawe mugore gushika ubu yari atunze cane afise imilliaridi 28,2 z’amadolari akaba afata ikibanza ca 11. Uwundi mufaransa atunze yitwa Bernard Arnault nyene ishirahamwe LVMH akaba afise imiliyaridi 29 ari mukibanza c’10.

Carlos slim umugabo wa mbere atunze kw’isi

JPEG - 14.7 ko

Biramaze kuba inshuro igira kane umunya Mexique carlos slim atwara ikibanza ca mbere mu butunzi akaba afise imiliyaridi 73 z’amadolari bisigura ko yongereje imiliyaridi 4 ugereranije no mu mwaka uheze. Uyo mwami w’ivyo gutumatumanako amakuru muri Mexique yaciye ku munyamerika Bill Gate umwe mubashizeho ubuhinga bwa microsoft yari afise imilliaridi 67 z’amadolari ariko nawe kuva mu mwaka w’2012 gushika ubu yungutse imiliyaridi 6 z’amadolari

JPEG - 14.9 ko

Mu kibanza ca gatatu haza umunya espanye yitwa Amancio Ortega yashinze ishirahamwe ryitwa Zara rikora imideli y’impuzu akaba afise imiliyaridi 57 nawe yiyongereje imiliyaridi 19,5 ugereranije n’ubuheruka akaba aciye ku murwizatunga w’umu nyamerika yitwa Warrwn BUffett yaciye aba uwa kane nawe afise imiliyaridi 53,5 mumwaka wose yungutse imiliyaridi 9,5 z’amadollari.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.