Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya igiye kuronswa imfashanyo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya igiye kuronswa imfashanyo

Somaliya igiye kuronswa imfashanyo

mardi 7 Rusama 2013

Inama icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu Terensiyo Sinunguruza arimwo I Londres ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubwongereza , ibikorwa biza gutangura kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Rusama 2013.

Mu biza kwirwa bihambaye, harimwo gushiraho igipolisi coshobora kugarukana umutekano naho hakiri ahantu hamwe hamwe aba Al Shabab batarirukanwa, baraza kuraba n’ingene hojaho igisoda c’igihugu, bararabira hamwe kandi uko ico gihugu ca Somaliya cohabwa imfashanyo kugira gishobore kuja ku rugero rumwen’ibindi bihugu biri mu nzira y’amajambere.

Iyo nama irongowe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza arikumwe n’umukuru w’igihugu ca Somaliya.

Muri iyo nama haritabwe kandi umukuru w’igihugu mushasha wa Kenya Uhuru Kenyatta, ariko urwo rugendo rwiwe rukaba rwariyamirijwe n’amashirahamwe mpuzamakungu araba ivy’agateka kazina muntu mu gihe Kenyata aronderwa na sentare mpuzamakungu ku vyaha yagirizwa inyuma y’amatora yabaye muri Kenya mu 2008.

Twobibutsa ko Uburundi bwaserukiwe muri iyo nama idasanzwe kuri Somaliya n’icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu Terensiyo Sinunguruza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.