Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Londres: Umuganwa William yoba afise amamuko yo mu Buhindi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Londres: Umuganwa William yoba afise amamuko yo mu Buhindi

Londres: Umuganwa William yoba afise amamuko yo mu Buhindi

vendredi 14 Ruheshi 2013

Kubw’ibipimo vy’amate yiwe baheruka gupima, vyaragaragaye ko umuganwa William wo m’Ubwongereza afise amamuko yo mu Buhindi. Inkuru ikaba yatanzwe n’ikinyamakuru The Times, kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 14 Ruheshi 2013.

Ni ibipimo vy’amate bisanzwe bikorwa mu Bwongereza, vyakozwe k’umuryango w’muganwa William, abahinga mu bijanye n’ukwiga urukurikirane rw’imiryango, baciye babona ko uwo muganwa afise amamuko yo mu Buhindi.

Ubuhindi ni igihugu cegereye cane Ubwongereza, aho mbere mu Bwongereza haba abahindi batari bake. Ubuhindi n’igihugu cakoronijwe n’abongereza kandi kikaba gihurikiye muri Commonwealth. Nimba ivyo bivurwa arivyo, kandi nimba William yafashe ubutegetsi, inyuma ya inakuru wiwe, ariwe umwamikazi Elisabeth na se ,Umuganwa Charles, azoba ari umwami wa mbere w’Ubwongereza afise amamuko y’ubuhindi.

Amamuko y’Ubuhindi yoba ava kuri Eliza Kewark, yamuka k’umwamikazi Diana, nyina wa William. Eliza kewark, benshi bibaza ko yoba ari umu Armenienne, yoba afise yo mu Buhindi nko ku bice 50 kw’100. Ibinyamakuru vy’abongereza bivuga ko iyo nkuru igaragaye mu mwanya mwiza kuko umuganwa William, mu rutonde rw’ingendo yarafise, yateguye kuja mu Buhindi mu minsi iza, aherekejwe n’umutambukanyi wiwe Kate ari kumwe n’umwana wabo agiye kuvuka vuba.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.