Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lucien Neuwirth yahitanywe n’urwakarago - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Lucien Neuwirth yahitanywe n’urwakarago

Lucien Neuwirth yahitanywe n’urwakarago

mercredi 27 Munyonyo 2013

Lucien Neuwirth yatanguje amategeko arekurira gukoresha ibinini vyo kwikingira kudasama yaraye yitavye Umuremyi. Lucien Neuwirth yahoze ari umunyeporitike, aho yaranguye amabanga yiwe mu bushingamateka mu nyuma ahava umukenguzamateka. Mu mwaka w’i 1967 ahava yemererwa n’amategeko gutanguza ibinini vyo kwikingira kudasama imbanyi mu gihugu c’Ubufaransa.

Lucien Neuwirth yitavye Umuremyi kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Munyonyo ku bitaro vyitiriwe Sainte-Perine Rossini i Paris mu gihugu c’Ubufaransa. Akaba yitavye Umuremyi ageze ku myaka 89 bivuye ku ndwara yagize yo mu mahaha. Najat Vallaud-Belkacem, umushikiranganji w’agateka k’abakenyezi akaba n’umuvugizi wa Reta y’Ubufaransa, yaramusezeye ubwa nyuma kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Munyonyo.

Avuga ko iryo tegeko ryatangujwe na Lucien Neuwirth ryagize ico rikora kuko ryatumye abakenyezi boroherwa, mu kurondoka bongera baronka umwidengemvyo mu kurangura amabanga y’abubatse. Mwomenya ko n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande yaje gusezera ubwa nyuma Lucien Neuwirth, yongera aranashima ibikorwa yaranguye.

Mw’itangazo Francois Hollande yasohoye ku rupfu rwa Lucien yagize ati : « Ubuzima bwa Neuwirth ni ikimenyetso c’intambara ishikana ku mwidegemvyo nyakuri, mu gihe yashikanye abakenyezi ku bwigenge bw’ukurangura amabanga mpuzabitsina .»


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.