Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Luis Suarez akiri mu bihano yahinduye umurwi akinira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Luis Suarez akiri mu bihano yahinduye umurwi akinira

Luis Suarez akiri mu bihano yahinduye umurwi akinira

samedi 12 Mukakaro 2014

N’aho akiri mu bihano vy’amezi ane adakina kubera yariye amenyo Giorgio Chiellini mu rukino rwariko ruhuza igihugu ca Uruguay n’Ubutariyano mu nkino z’igikombe c’isi yose, umukinyi w’igihangange akomoka mu gihugu ca Uruguay, Luis Suarez, yahinguye umurwi akinira.

Umugwi wa Liverpool wo mu gihugu c’Ubwongereza Luis Suarez yahora akinira wemeje ko wamugurishije ku murwi wa FC Barcelona wo mu gihugu ca Espagne, ku mafaranga ashika hafi imiriyoni 128 z’amadorare, ni ukuvuga imiriyaridi 19 n’imiriyoni 980 mu mafaranga y’amarundi. Inyuma y’amasezerano u’ubuguzi, Luis Suarez yamenyesheje ko avuye muri Liverpool atabishaka kuko yakunda uwo murwi, kandi akemeza ko azoguma awushigikiye. Ariko rero, Luis Suarez ararwa akagaruka, akavuga ko n’ukuja gukinira umurwi wa FC Barcelona atavyakiriye nabi, kuko gukina muri Espagne yamye ariyo ndoto yiwe.

Luis Suarez w’imyaka 27 yari amaze imyaka itatu mu gihugu c’Ubwongereza, akinira umurwi wa Liverpool. Ni umukinyi akundwa n’abarorerezi benshi b’umurwi wa Liverpool, naho rimwe na rimwe akunze guhagarikwa gukina kubera amakosa akora, nk’ibikunda kumubonekano, aho aryana amenyo mu kibuga.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.