Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Luxembourg : Umushikiranganji wa mbere yategetswe gutanga imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Luxembourg : Umushikiranganji wa mbere yategetswe gutanga imihoho

Luxembourg : Umushikiranganji wa mbere yategetswe gutanga imihoho

jeudi 11 Mukakaro 2013

Imyaka 18 yarirangiye Jean-Claude Junker ari umushikiranganji wa mbere wo mu gihugu ca Luxembourg, afise imyaka 58 akaba n’umuyobozi w’abakuru b’ibihugu vyo mu mugabane wa Buraya. Bamutegetse gutanga imihoho ku mvo za politike zimuraba, inyuma yo kwikura kubo bahora bakorana baba socialiste.

Umushikiranganji wa mbere kuva mu mwaka w’i 1995, ku ntwaro ya Francois Mitterrand na Helmet Kohl, Jean-Claude yari umuyobozi wa kera mu nzego za Leta mu bikorwa mpanuzwajambo vyo mumugabane wa Buraya.Yari yaranabaye umukuru wa mbere wa Eurogroupe kuva mu mwaka w’i 2005 gushika muri uyu mwaka w’i 2013.
Jean- Claude Juncker yarabaye umuyobozi w’ikigega mpuzamakungu FMI n’ibanki ya Buraya ijejwe gusanura ivyasambutse ikazana n’iterambere, azoguma ari kandi nkumwe mubatanguje amasezerano ya Massastricht. Yongere abe n’icabona kiboneka mu kwanka amasezerano y’ibwirizwanshingiro mu mugabane wa Buraya yo 2005 mu gihugu c’Ubufaransa n’Ubu Hollande.

Abakuru b’ibihugu nab’inzego b’ishirahamwe mpuzamakungu, bari babimusavye kuba umuyobozi atwara ibihugu vyo mu karere ka Buraya. Ico kibanza ntiyacemera, mu nyuma Jose Manuel Barroso aba ariwe aca ayitwara.
Juncker yobaye umukuru wa mbere atwara irwego mpanuzwajambo mu mugabane wa Buraya , iyo Nicolas Sarkozy atovyanse. Ico kibanza gica gitahukira umubirigi Herman Van Rompuy.

Mwomenya ko ejo ku munsi wagatanu, igenekerezo rya 12 Mukakaro 2013, isaha zine zo mu gitondo ariho Jean-Claude Juncker ariho azotanga imihoho imbere y’inzego zirongoye igihugu ca Luxembourg.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.