Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lydia Ludic Academic Burundi yiteguriye kwambika umutamana Igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Ludic Academic Burundi yiteguriye kwambika umutamana Igihugu

Lydia Ludic Academic Burundi yiteguriye kwambika umutamana Igihugu

vendredi 26 Ndamukiza 2013

Kw’igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2013, umurwi wa Lydia Ludic Academic Burundi wakinye urukino n’umurwi wa Asec Mimosas wo muri Cote d’ivoire, urukino rurangira Lydia Ludic Academic Burundi itsinzwe igitsindo kimwe.

Urwo rukino rwari urw’ ímirwi vyabaye iyambere iwabo, mu gice c’’umunani gishira icanyuma, ubu Lydia Ludic yiteguriye urukino rwo kwishura ngaha i Bujumbura kw ‘igenekerezo rya 4 Rusama 2013, kandi bavuga ko biteguye kuzokwitwara neza imbere y’abakunzi babo.

Nkuko twabibwiwe n’umwe mu bakinyi b ’uwo murwi akaba n’umukinyi w’umurwi nserukiragihugu Nduwarugira Cristophe, ng’ imyiteguro bayikora neza ikindi ng ‘ejo bazoba bafise urukino ruzobahuza n’umurwi wa Bundes wo mu Rumonge mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu.

Muri Lydia Ludic, bavuga ko uyu mukino uje aruwo kubafasha gukomeza imyiteguro , kuko bazotangura kwitegura neza kuri uyu w’Imana nkuko gahunda y’umumenyereza wabo imeze, gusa ngo bafise ivyizigiro ko bazotahukana intsinzi kuko ngo n’igitsindo kimwe uwo murwi w’abatsinze vyatewe n’umunyegori yari afise ingorane mu kuguru.

Bakaba baboneyeho akaryo ko guhamagara abanyagihugu bose bobishobora kuza gushigikira umurwi wabo ,muri iri higanwa kuko intsinzi ari iteka kuri Lydia Ludic Academic Burundi no ku gihugu cÚburundi muri rusangi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.