Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lydia Ludic Academic ntiyorohewe muri Mali - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Ludic Academic ntiyorohewe muri Mali

Lydia Ludic Academic ntiyorohewe muri Mali

dimanche 19 Rusama 2013

Umurwi w’umupira w’amaguru Stade Malien yo mu gihugu ca Mali waraye utsinze umurwi wo mu Burundi Lydia Ludic, mu rukino rwabahuje ku musi w’ejo igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2013, mu gisagara ca Bamako mu gihugu ca Mali.

Ku ntsinzi y’ibitsindo bitanu ku busa bwa Lydia Ludic Academic, umurwi wa stade Malien vyarabonetse ko worohewe cane mu kibuga cawo.

Uwo murwi wa Stade Malien ukaba ariwo watahukanye ico gikombe bariko barahiganirwa mu mwaka w’2009.

Mu kurindira urukino rwo gusubiriza ruzobera mu Burundi mu kiringo c’indwi zibiri, twobamenyesha ko umurwi Lydia Ludic Academic wo mu Burundi ariwo wakuyemwo igihangange Asec Mimosa yo muri Cote d’Ivoire.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nta kundi. Ariko vraiment félicitations ku bakinyi ba LLB academic. Intambwe bari bagezeko irashimishije. turabakeje kubona mwarakuyemwo basi imirwi rutura nka Asec Mimosa, daring club Motema Pembe y’i kinshassa. Mwarakoze

  • turakeje umugwi LLB kandi ntibavunike inkokora intambwe mwagezeko mwerekanye ko muri umugwi udahobahoba turabakeje

  • ugukururamwo imirwi ikomakomey nivyiz ntawutibishima so nibikaz bater baj imber kuruta kugira bazan igikombe naco imuhira p666666666666

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.