Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lydia Nsekera ku rutonde rwabashobora gusubirira Sepp Blatter - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Nsekera ku rutonde rwabashobora gusubirira Sepp Blatter

Lydia Nsekera ku rutonde rwabashobora gusubirira Sepp Blatter

mercredi 3 Ruheshi 2015

Inyuma y’aho ku mugoroba wo kuwa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi,Sepp Blatter yahora arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA amenyeshereje ko atanze imihoho,urutonde rw’abashobora ku musubirira ruramaze kuja ahabona.

Amakuru dukesha ikinyamakuru co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika The New York Times,amenyesha ko abantu batandatu aribo bashobora gusubiririra Sepp Blatter.
Muri abo batandatu harimwo umurundikazi Lydia Nsekera,umukenyezi umwe kandi w’umwirabure ari mu rwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.

Kuri urwo rutonde,Lydia Nsekera yahoze arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi kuva mu mwaka w’2004 gushika mu mwaka w’2013 ari kumwe na Prince Ali bin al-Hussein yahiganwe na Sepp Blatter mu matora yabaye kw’igenekerezo rya 29 Rusama,Michel Platini arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya.

Abandi bari kuri urwo rutonde ni David Gill yahoze arongoye umurwi Manchester United mu Bwongereza,Sunil Gulati arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Luís Figo yabaye umukinyi rurangiranwa ku mugabane wa Buraya.
Mwomenya ko Sepp Blatter yatanze imihoho inyuma y’iminsi itatu yonyene atowe ngo arongore FIFA ku ncuro ya gatanu,imvo yibazwa akaba ari ibiturire bivugwa mw’ishirahamwe FIFA.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.