Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lydia Nsekera yarushijwe mu matora y’umukuru wa FFB - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Nsekera yarushijwe mu matora y’umukuru wa FFB

Lydia Nsekera yarushijwe mu matora y’umukuru wa FFB

dimanche 17 Munyonyo 2013

Abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi bazindutse barindiranye igishika ibiva mu matora y’uwugiye kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Ayo matora yahuje umupfasoni Lydia Nsekera n’umukenguzamateka Réverien NDIKURIYO yabaye kuri iyu w’Imana igenekerezo rya 17 Munyonyo 2013. Umupfasoni Lydia Nsekera yarushijwe n’umukenguzamateka Réverien NDIKURIYO ku majwi 31 kuri 25, ubu akaba ariwe agiye kurongora iryo shirahamwe mu kiringo c’imyaka ine.

JPEG - 13.3 ko
Umukenguzamateka Réverien Ndikuriyo, aramutswa ishirahamwe FFB ry’umupira w’amaguru mu Burundi

Kuva kuri uwu w’Imana, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB (Fédération de Football du Burundi) riramutswa umurongozi mushasha. Umukenguzamateka Réverien NDIKURIYO, mu matora yabaye kuri uwu w’Imana, yarushije umupfasoni Lydia Nsekera yahora arongoye FFB, ku majwi 31 kuri 25. Amajwi abiri yonyene niyo yabaye impfagusa, ni ukuvuga ko abantu babiri bonyene aribo ataco bashimye kuvuga kuri abo bariko bahiganirwa ico kibanza c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Baciye bagirako bashiraho n’abakuru b’imirwi nshingwabikorwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi :

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi : Réverien NDIKURIYO.
Icegera ca mbere : Aimable NAHIMANA Marandura.
Icegera ca kabiri : Moustafa SAMUGABO
Uwutwara umurwi uraba ivy’ubutunzi : RYIVUZE Appolinaire
Uwutwara umurwi uraba ivy’amahiganwa : HAKIZIMANA John
Uwutwara umurwi w’igihugu ukurikirana ivy’abasifuzi (les arbitres) : NIYONGABO Jean Claude.
Uwutwara umurwi w’ubuhinga : Juma Msoma
Uwutwara umurwi ujejwe inkino ku bakiri bato : RWABAYINKOVU Emile
Uwutwara umurwi ujejwe inkino z’abigeme : KABURA Eugenie
Uwutwara umurwi ujejwe ubuvuzi (Médecine Sportive) : RUBERINTWARI Firmin
Uwutwara umurwi ujejwe amategeko (Commission Juridique) : NIMUBONA Arcade
Uwutwara umurwi ujejwe imigenderanire : KEZAKIMANA Christophe
Uwutwara umurwi ujejwe umutekano : (Sécurité et fair-Play) : OPC1 MUYENGE Alexandre.

Muri bikuru bikuru vyashikirijwe n’uwo yatorewe kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, umukenguzamateka Réverien NDIKURIYO, twobamenyesha ugukomeza imigenderanire hagati y’ishirahamwe FFB na Reta y’Uburundi, ugukurikiranira hafi abakinyi b’abarundi bakinira mu mahanga, kugira igihugu kizoze kirabikorako igihe bikenewe, hamwe n’ukwitwararika itunganwa ryiza ry’amafaranga y’iryo shirahamwe.

JPEG - 28.4 ko
Umukenguzamateka Réverien NDIKURIYO

Ayo matora yabaye kuri uwu w’Imana yari yitabwe n’abarorerezi mpuzamakungu nka Primo Calluvalo yari yarungitswe n’ishirahamwe FIFA ry’umupira w’amaguru kw’isi yose, hamwe n’abandi barorerezi barungitswe n’ishirahamwe CAF ry’umupira w’amaguru muri Afrika.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nikobimeze haburana babiri hagatsindumwe, Reverien tukwifurije ibikorwavyiza, kanditwizereko nyakubahwa Lydiya Nsekera yarisanzwe ari umukuru wishirahamwe ryumupira wamaguru ngaha Burundi azokomeza kukubahafi mugihe uzogira ikikudidanira ukamubaza kukowe aherukayo azivyishi tubiburije kubana hafinahafi barundi bene data.

  • Turashimye ukungene amatora yagenze neza turakeje umukenguza mateka yatsinze tumwipfurije gukurikiza ivyo yemeye murakoze

  • Lydia yishwe nabahanuzi babi yarafise;hama turasavye Réverien ko yokurikirana amahera yabasifuzi ( arbitres) baheraniwe na federation kandi twibaza ko yasohotse akaribwa nuwahora atwara ugwego gwaba sifuzi aba (arbitres) ariw HICUBURUNDI Jean marie vianney alias (bendrix) afatikanije nuwahora ari icegera cambere c umukuru wishirahamwe (FFB ); ayo mahera akaba angana ni miliyoni cumi n umwe (11 MILLIONS) bakagarukana.

  • CONGRATS TO THE SENATOR,Réverien NDIKURIYO.

    But,we need change and improvement for the National Team,not only for Aigle Noir.

  • Munsigurire nimba ntibeshe! uyu mushingamateka yari akiri mu nama nshingamateka? canke mandant yiwe yaraheze?

  • NDAKEJE UMUKENGUZAMATEKA NDIKURIYO REVERIANO YATOW NGO ARONGORE FFB. NDIZEYE KO ABAKINYI BA KARUSI BARI BARIBAGIWE NA LYDIA BOFATWA MU MUGONGO, KUGIRA UMUPIRA WA MAGURU UTERE IMBERE I KARUSI. TWASABA KO URWARUKA RWO MU MASHURI YISUMBUYE RWOFATWA MU MUGONGO, RUKARONKA IMIPIRA YO GUKINA IKOMEYE, IMPUZU ZO GUKINANA, AMAGODIYO(IBIRATO VYO GUKINANA).KANDI AMASHURI ASUMBIJE AYANDI MUYAHE UBUSHIMWE. ABATWARA AMA SECTION PROVINCIALE MUBARABE NEZA, UBURYO BARONKA BABUKORESHE ICO BUGENEWE. KANDI MUSHIREHO CELLULE D’ECOUTE KUGIRA INTAMBAMYI ZITUMA INTARA ZIDATERA IMBERE MUZIKUREHO, BIVA KUBANTU MUBAHINDURE. NSOZEREYE NSABA KO UYU MUKURU MUSHASHA YOTEZA IMBERE UMUPIRA HAMWE UBURUNDI BUSHIKA NO MURI CAN ET COUPE DU MONDE. KANDI BIRAKUNDA KUK NI QUESTION DE DETERMINATION ET DE PERSEVERANCE. BONNE CHANCE A LA NOUVELLE EQUIPE.

  • Nyakubahwa Reverien, turabakeje cane gose kurugamba mwari mugizemwo imisi.
    Mukore ibishoboka vyose kugira umupira wamaguru mugihugu cacu ugire amateka ahambaye mumakungu. Mukora bavuga, bavuga mukora. Mushire ihangiro rikomeye kumugwi nserukira gihugu nacane cane muri ibi bihe bimirije amahiganwa akomeye cane. Muzotangaze benshi. Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.