Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Nsekera yavuzwe mubahawe igiturire n’igihugu ca Qatar
Lydia Nsekera yavuzwe mubahawe igiturire n’igihugu ca Qatar
lundi 2 Ruheshi 2014
Uwujejwe gutohoza ku giturire bivugwa ko catanzwe mu gikorwa co guhiganirwa kwakira inkino z’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru mu mwaka w’2022 cegukiye Qatar avuga ko azoheza kwegeranya ibimenyetso mu ndwi imwe agaca abishira ahabona. Ikinyamakuru "Jeune Afrique" kikaba cashize umurundikazi Lydia Nsekera mubikekwa ko bagize uruhara.
Inyuma y’aho igihugu ca Qatar arico catowe kugira kizokwakire amahiganwa y’igikombe c’isi yose mu mwaka w’2022, Michael Garcia yamenyesheje ko habayemwo ruswa kugira Qatar itsindire kwakira izo nkino, uwo ariko aragira amatohoza akamenyesha ko mu minsi itarenga indwi azoba yerekanye ivyemeza vyose, hamwe n’abavyagirizwa, bakazoca bakurikiranwa.
Mu kurindira ko ivyavuye muri ayo matohoza bimenyekana, ikinyamakuru "Jeune Afrique" cashize ahabona amazina y’abategetsi indwi bakomeye bo muri FIFA, ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru, boba barapfumbatishijwe n’igihugu ca Qatar. Muri ivyo bihangange mu mupira w’amaguru, haravugwamwo umurundikazi Lydia Nsekera ari mu rwego nyobozi rw’ishirahamwe FIFA ry’umupira w’amaguru. Ku bugira kabiri kuri urwo rutonde rw’abantu icenda, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru "Jeune Afrique", Lydia Nsekera yoba yahawe co kimwe n’abandi amafaranga hamwe n’utundi tuganuke.
Abo bategetsi indwi bagirizwa mu matohoza y’ikinyamakuru "Jeune Afrique" ni :
1. Anjorin Moucharafou arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Benin
2. Lydia Nsekera yahoze arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ubu akaba ari mu rwego nyobozi rwa FIFA

- Lydia Nsekera yahoze arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ubu akaba ari mu rwego nyobozi rwa FIFA
3. Général Seyi Memene, intwazangabo yo mu gihugu ca Togo, akaba ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe CAF ry’umupira w’amaguru muri Afrika.
4. Seedy Kinteh, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Gambie
5. Saïd Belkhayat, yahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Maroc
6. Issa Hayatou, umukuru w’ishirahamwe CAF, ry’umupira w’amaguru muri Afrika yose, akaba akomoka mu gihugu ca Cameroun
7. Jacques Anouma arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Cote d’Ivoire
8 Amos Adamu, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Nigeria
9. George Weah, yahoze ari umukinyi rurangiranwa w’igihugu ca Liberia, akaba akiri bitumwako mu nama z’amahuriro y’umupira w’amaguru muri Afrika.
Egide Nduwimana
Messages
2 Ruheshi 2014, 21:52, par kendo
Iyo nkuru siyo ni gute abanya africa aribo bariye igiturire nibo bafata ingingo bonyene.
2 Ruheshi 2014, 21:56, par Mahoro
Africa niyo yakira igiturire gusa?Nibazako hari icinyegeje inyuma.Kandi na Qatar nibazako ico gikombe yocakira nimba ata yandi makosa ifise!
2 Ruheshi 2014, 21:57, par Nayuburundi
Haramutse habonetse ko abo bantu bari guilty Africa izoca ita ishusho nziza maze ihabwe ishusho ya CORRUPTIVE Africans ibintu biteye isoni!!Inzara izoba ariyo ikinisha imipira abanyafrika:SHAME TO AFRICA
2 Ruheshi 2014, 22:23, par Tubirabe
ese afrika yabaye gute gayemwe ndavyemeye twese turashonje.abavugwa mukurya icogiturire nabanyafrika gusa.baratumaramaje twagira ngo bo bagiriwe ayomahigwe ntiborya igiturire.
3 Ruheshi 2014, 07:27, par Aristide Noris
Quand il s’agit de corruption, les premiers visés sont des responsables en provenances des continents en voie de développement. Voilà qu’au niveau de la FI FA, on nous balance une liste d’Africains, qui pourtant ont fait long carrière dans leurs pays. je me demande-avec réserve bien sur, si cela n’est pas une façon de se moquer de ces gens. J’aurais aimé qu’il y ait beaucoup plus de détails sur le degré d’influence du vote de ces gens vu que peut être il y avaient d’autres personnes qui avaient un grand mot à dire. Je demanderai d’ailleurs aux Gouvernements Africains de suivre de très près ces cas au lieu d’engager des polémiques inutiles sur l’un ou l’autre qui est cité.
3 Ruheshi 2014, 10:36, par ntiwihebure
None ko mbona abo bagirizwa bose ari abanya Afrika gusa, bifise insiguro yihe se mwandanga mwe?
3 Ruheshi 2014, 15:40, par François-Xavier
Hahaha, Ni Batohoze Neza. Ariko Vyari Bivugwa Ko Muri FIFA igiturire kiribwa cane. uwo murundikazi ubwo ntibamubeshera? ubu nyene yoba amaze guca urwevu
3 Ruheshi 2014, 17:54, par ionel NDNGAMIHIGO
jw sinobiharira gos ngo mpave ndavyanka burundu mugabo barakwiye kugira amatohoza akwiye bakaraba ko atabandi boba barimwo muriyo dosiye.kuko ntampamvu bokwagiriza abanyafrika gusa kandi tuzi neza ko ataribo bonyene bafata ingingo.numvise kare bavuga ko babahaye 5000 dollard gusa....tuziko bafata amahera arenga ayo.nibarabe neza...harinaho boba bariko barondera ingendamuvano.
3 Ruheshi 2014, 23:29, par birashoboka?
Birababaje kabisa. Nukumubeshera pe.
rabe kuri : www.impanda.fr
4 Ruheshi 2014, 11:53, par jean diego
nibatohoze neza!! bashirimbere ubuntu apana ibintu.uwuzofatwa mwikosa ahanwe! twirinde amanyanga kuko "uwutazi ivyisi avyita ivyiwe"
4 Ruheshi 2014, 12:16
Nizera ko iryo ari irementanya ! kubera iki havurwamwo abanyafirika gusa ?
5 Ruheshi 2014, 12:22, par Alex
Ivyo zinobiharira kwariko vyagenze hakwiye gukorwa itohoza hakamenyekana ababikoze hatarobanuwe bamwe ngwabandi barekwe.
Arikwico nizera co amatora yarabaye mwa mahinyu.
Ntakuntu Quatar yarigutogwa muzi namabi ahabera harihariho ibindi bihugu bifite ubwo bushozi.