IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mabanda : Ubusuma bw’inka bwabaye ndanse

Mabanda : Ubusuma bw’inka bwabaye ndanse

mardi 6 Rusama 2014

Mu ntara ya Makamba, havugwa ubusuma bw’inka busa n’uburiko burarwira, mu gihe bamwe mu bungere bazo, aribo basigaye baziba.

Muri commune ya Mabanda muri iyo ntara nyene ya Makamba, abungere batatu barafashwe, baca bajanwa gupfungirwa mu gasho ka komine ya Mabanda n’abaporisi, mu gihe bariko bakekwako gushaka kwiba inka bari baragiye. Ivyo rero abatunzi b’inka bakavuga ko vyari bimaze iminsi, aho inka zabo zaguma zigenda kamwe kamwe, bakibaza ko zibwa n’abandi, ariko ntibamenye ko n’abungere babigiramwo uruhara.

Twobamenyesha ko iyo ntara ya Makamba isanzwe ihana urubibe n’igihugu ca Tanzaniya, aborozi b’inka bibaza ko zimwe zimwe zoba zijabukanwa mu gihugu ca Tanzaniya, nayo izindi zikajanwa mu zindi ntara kubagirwayo. Aborozi bagasaba ko abo bose bokwagirwa n’ubwo busuma boza barahanwa bimwe vy’akarorero.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nibaza ko as ari abagira uko ubukene bugize.kandi inzara yoba ari nyinshi. Ariko uwofatanwa inka Akwiye gufungwa ubuzima bwiwe bwose ninko 20
    Buri musi waremwe nImana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.