Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mackenzi na Fuadi bashobora gusubira muri Kiyovu Sport - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Mackenzi na Fuadi bashobora gusubira muri Kiyovu Sport

Mackenzi na Fuadi bashobora gusubira muri Kiyovu Sport

dimanche 21 Mukakaro 2013

Abakinyi b’abarundi bakinira Rayon Sport aribo Ndayisenga Fuad na Nizigiyimana Kharim Mackenzi biravugwa ko bashobora gutera umukono ku masezerano y’imyaka ibiri mu murwi wa Kiyovu Sport.

Umwe mu bayobozi bakuru b’umurwi wa Kiyovu Sport yaganiriye n’ikinyamakuru "IGIHE". amenyesha ko bari mu biganiro vya nyuma na Kiyovu Sport, ariko bakaba batarashira umukono ku masezerano abahuza.

Amakuru dukesha bagenzi bakorera ikinyamakuru IGIHE mu gihugu c’Urwanda amenyesha ko uwo muyobozi wa Kiyovu Sport yagize ati” Mu mwanya uri imbere Mackenzie na Fuad bashobora kuba bamaze gushira umukono ku masezerano n’umurwi wa Kiyovu Sport.”

Team Manager wa Rayon Sport abo barundi babiri basanzwe bakinira, Thierry Hitimana yamenyesheje nawe yakiriye ubutumwa bugufi (sms) bw’abo bakinyi buvuga ko bagiye bompi i Kigali kuvugana n’abarongoye Kiyovu Sport.

Mwomenya ko umurwi wa Kiyovu Sport wamaze gutakaza bamwe mu bayobozi b’abakinyi nka Serugaba Eric yari kizigenza ubu abarizwa muri AS Kigali na Mutarambirwa Djabil yari icegera ciwe, ubu akaba ari muri Police FC

JPEG - 46.7 ko
Abahoze ari abayobozi muri Rayon Sport, Mackenzi(Kizigenza mu mwaka w’2012) na Fuadi (icegera ca kizigenza mu mwaka w’2013) bashobora gusubirira abo Kiyovu Sport yatakaje

Mu mwaka w’2012, Mackenzi niwe yari kizigenza wa Rayon Sport, mu mwaka w’2013, Fuadi yari yusubiriye Kanombe yaramutsa uwo murwi.

Mu mwaka w’2009, Fuadi Ndayisenga na Nizigiyimana Kharim Mackenzi bakinira umurwi wa Kiyovu Sport, ubu rero ibiganiro vy’uko bosubirayo bikaba bigeze kure.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.