Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madagascar: Abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bemerewe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madagascar: Abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bemerewe

Madagascar: Abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bemerewe

jeudi 6 Ruheshi 2013

Muri Madagascar, ivyari vyasabwe mu nama yabaye ku musi wa mbere vyarasenzwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 Ruheshi 2013.

Urwego rutegura amatora rwaraye rufashe ingingo ko Andry Rajoelina, umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza, Lalao Ravalomanana, umukenyezi w’umukuru w’igihugu yahora muri ayo mabanga na Didier Ratsiraka yatwaye ico gihugu mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri bose bazoba bari ku rutonde rw’abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Abari bateguye iyo nama harimwo umushikiranganji wa mbere, umushikiranganji wo kwivuna abansi, umushikiranganji w’umutekano, n’urwego rujejwe kwumvikanisha bari basavye abategura amatora gusubiramwo ikirangamisi ariko bagakura ku rutonde rw’abahiganwa Andry Rajoelina, Lalao Ravalomanana na Didier Ratsiraka nk’uko amakungu aguma asemerera abisaba.

Ifatiro ry’abasaba ko abo bitoza bokurwa ku rutonde n’uko Andry Rajoelina yashitse ku butegetsi abanje guhirika intwaro, Lalao Ravalomanana yamenyesheje icese ko yipfuza kuja mw’ihiganwa ikiringo cari catanzwe carenganye, Didier Ratsiraka bakamwagiriza ko ata kiringo c’amezi atandatu amaze ari mu gihugu nk’uko amategeko abisaba.

Amakungu rero muri kano kanya akaba ariko amenyesha ko ashobora gukura akarenge mw’itegurwa n’itunganwa ry’ayo matora mu gihe abo bariko baraharirwako batokurwa ku rutonde. Muri ico gihugu cari kimaze imyaka mu ndyane, amatora niyo yari icizere ko bagiye gusezerana n’intambara.

Amakuru dukura ku nsamirizi y’abafaransa RFI akamenyesha ko abasirikare n’abapolisi biteguriye gushigikira iciyumviro c’amakungu mu gusaba umurwi utegura amatora kuvana ku rutonde abo bariko baraharirwako.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.