Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madagascar: Andry Rajoelina yihindukije mw’ijambo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madagascar: Andry Rajoelina yihindukije mw’ijambo

Madagascar: Andry Rajoelina yihindukije mw’ijambo

samedi 4 Rusama 2013

Urutonge rw’abagiye guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ategekenizwe mu gihugu ca Madagascar mu kwezi kwa Mukakaro rwarashizwe ahabona kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 3 Rusama 2013.

Icatangaje abatari bake ni amazina yabonetse muri urwo rutonde : Andry Rajoelina, uwutwara ico gihugu vy’imfatakibanza, umupfasoni wa Marc Ravalomanana azwi kw’izina rya Lalao, hamwe na Didier Ratsiraka, yahoze ari umukuru w’igihugu.

Didier Ratsiraka yari yamenyesheje ko adashobora kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, none yihindukije mw’ijambo.

Andry Rajoelina, Umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza, ari ku rutonde rw’abazokwitoza mu kwezi kwa Mukakaro, nk’uko tubikura ku rutonde rwashizwe ahabona n’urwego rujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Madagascar kuri uyu wa gatanu.

Ababonye urwo rutonde baguye mu gahundwe kuko urwego rutegura amatora rwaronse ama dosiye 49 yabasaba gushirwa ku rutonde rw’abitoza. Igihe bariko barahoyahoya abanyagihugu, Andry Rajoelina na Marc Ravalomanana bari bumvikanye ko batazokwitoza, ariko Lalao, umupfasoni wa Marc Ravalomanana we yari yamaze gutanga dosiye yiwe, yemewe nk’izindi zose, harimwo niy’uwahoze atwara ico gihugu ca Madagascar Didier Ratsiraka w’imyaka 76, yatwaye mu myaka y’1975 gushika mu mwaka w’1993, hamwe no mu mwaka w’1997 gushika mu mwaka w’2002.

Urwego rutegura amatora muri Madagascar rwamenyesheje ko ivyo vyakozwe kugira bahe uburenganzira uwushaka wese bwo kwitoza, gutyo abatora bahitemwo muri benshi abo babona ko bashobora gushikana igihugu ku mahoro n’iterambere, biciye mu matora yemewe na bose.

Naho biri ukwo, Lalao Ravalomanana na Didier Ratsiraka ntibakwije ibisabwa ko uwokwitoza yoba amaze amezi atandatu aba mu gihugu imbere y’amatora. Abo bompi bakaba baheruka gutahuka vuba, umwe muri Ntwarante(Lalao Ravalomanana), uwundi muri Ndamukiza(Didier Ratsiraka). Umurwi utegura amatora wasiguye ko kuba batari mu gihugu bitabavuyeko, ari izindi mvo kandi zumvikana.

Amatora y’umukuru w’igihugu muri Madagascar biteze ko azoheza indyane zari zimaze imyaka ine. Ateguwe ku genekerezo rya 24 Mukakaro no kw’igenekerezo rya 25 Nyakanga umwaka w’2013. Amakungu akaba akurikiranira hafi ivy’ayo matora, kandi akaba yiteguriye gufasha kuyategura, mu gihe ubutunzi bw’igihugu bugeze ahatemba, umutekano nawo ukaba ubangamiwe n’abarwanira inyungu zabo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.