Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madagascar : Harangwa ukutumvikana k’uwugiye kuba umushikiranganji wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madagascar : Harangwa ukutumvikana k’uwugiye kuba umushikiranganji wa (...)

Madagascar : Harangwa ukutumvikana k’uwugiye kuba umushikiranganji wa mbere

vendredi 7 Ruhuhuma 2014

Ivyavuye mu matora nshingamateka vyaraye bimenyekanye, inyuma yaho umurwi ujejwe gutororokanya amatora muri Madagascar utangarije ivyavuye mu matora vyimfatakibanza uwatahukanye intsinzi.

Nk’uko vyashikirijwe n’umurwi warujejwe gutororokanya amatora, kuri uyu wa 6 Ruhuhuma 2014, niho vyatangazwa ko umugambwe Andry Rajoelina yahoze arongoye igihugu ca Madagascar vy’imfatakibanza arimwo, usanzwe urimwo n’abashingamateka benshi batowe ko ariwo uza imbere, hagakurikira akarwi karimwo Marc Ravolamanana yahoze arongoye Madagascar.

Naho ku ruhande Marc Ravalomanana arimwo, igihande kirimwo abashingamateka 19 bakomakomeye bavuga ko igenwa ry’umushikiranganji wa mbere riri ku ruhande rwabo, MAPAR nawo, umugambwe Andry Rajoelina arimwo, usaba ko ariwo wotorwamwo umushikiranganji wa mbere. Mukamenya ko uwo mugambwe ufise intebe 49 z’abanshingamateka kuvy’icaro 151 bisanzwe bihari mu nama nshingamateka.

Gushika ubu, sentare nkuru yubahiriza ibwirizwa nshingiro ikaba itaradadanura urwo rubanza, ariko ivyo bikaba bidaca intege umugambwe wa MAPAR kuko wo wemezwa ko uri mu kuri no mu burengazira bwawo.

Mwomenya ko kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2014, inama nshingamatekaariho itegekanya gukoranya inama idasanzwe. Abanyamategeko nabo bakavuga ko ariwo munsi bateguye kuzokwerekana umushikiranganji wa mbere hamwe n’icegera c’umugambwe utavugarumwe na Reta.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.