Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madagascar: Ishirahamwe ry’abanyaburaya rishigikiye ko amatora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madagascar: Ishirahamwe ry’abanyaburaya rishigikiye ko amatora (...)

Madagascar: Ishirahamwe ry’abanyaburaya rishigikiye ko amatora yotegurwa

vendredi 10 Rusama 2013

Amakungu yavuye mu gacerere ku kibazo co mu gihugu ca Madagascar. Ishirahamwe ry’abanyaburaya, rimwe mu bafasha mpuzamakungu mu matora ryari ryagumye mu gacarere kuva aho Andry Rajoelina amenyeshereje ko azokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu.

Uwuserukira ishirahamwe ry’abanyaburaya muri Madagascar amenyesha ko ashigikiye ko amatora yotegurwa. Yaboneyeho n’akaryo ko kwibutsa amahadabu igihugu cotangishwa mu gihe bokwigiza inyuma ikiringo c’amatora.

Ku ntererano y’imiliyoni cumi n’indwi z’amafaranga y’amanyaburaya, ishirahamwe ry’abanyaburaya rifata mu mugongo hafi ica gatatu c’amatora yaba ay’umukuru w’igihugu canke ay’abakenguzamateka ateguwe muri Madagascar muri uno mwaka.

Léonidas Tezapsidis, aserukira ishirahamwe ry’abanyaburaya muri Madagascar amenyesha kandi ko imyiteguro y’amatora itegerezwa kubandanya naho bemereye inyuma y’ikiringo uwitoza Andry Rajoelina.

JPEG - 6.3 ko

Tezapsidis yibutsa ko igihugu ca Madagascar kitazoronswa ic’icumi c’imfashanyo y’iterambere cari gisigaye mu gihe bodohoka kuvyo biyemeje, kuko amasezerano y’izo mfashanyo ategerezwa guterwako umukono n’inzego zizewe zizoba zavuye mu matora yigenga.

Twobamenyesha ko inyuma y’imyaka ine gusa y’indyane, igihugu ca Madagascar kimaze guhomba amafaranga arenga imiliyoni ijana z’amafaranga y’amanyaburaya bohawe n’ishirahamwe ry’abanyaburaya.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.