Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madagascar: Lalao Ravalomanana yipfurizwa kuba umushikiranganji wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madagascar: Lalao Ravalomanana yipfurizwa kuba umushikiranganji wa (...)

Madagascar: Lalao Ravalomanana yipfurizwa kuba umushikiranganji wa mbere

lundi 14 Gitugutu 2013

Mu gihugu ca Madagascar imyiyamamazo irabandanya. Umwe mu bariko bariyamamariza ikibanza c’umukuru we’igihugu Jean Louis Robinson, akaba amenyesha ko hamwe yotorerwa kurongora ico gihugu, icegera ciwe azoca aba umupfasoni Lalao Ravalomanana, uwo nawe akaba ri umutambukanyi wa Marc Ravalomanana yahoze arongoye ico gihugu.

Jean Louis Robinson rero avuga ko ashimira cane umupfasoni Lalao Ravalomanana, kubona muri ikigihe yaravuye mu buhungiro mu gihugu ca Afrika y’Epfo aho bari barahungiye n’umuryango wiwe bamaze gukurwa ku butegetsi ku nguvu. Ku bwa Robinson rero agashimwe uyo mupfasoni wa Ravalomanana akwiriye, ngo ni ukwo yoba umushikiranganji wiwe wa mbere amaze gutsinda amatora, ivyo akaba yabivugiye mu myiyamamazo yariko ibera ku murwa mukuru w’ico gihugu.

Muri iki gihe rero Andry Rajoelina asanzwe arongoye igihugu, yasabwe kukirongora vy’imfatakibanza, ntaragena uwuzoba icegera c’umukuru w’igihugu ku ruhande rwiwe, mu gihe yaba we yaba Marc Ravalomanana bose batemerewe kwitoza muri ayo matora.

Mu kwiyamamaza kwa Robinson akaba yemeza aho aciye hose ko umunsi yatsinze, hazorara haroyeho sentare izocira imanza abantu bagiye barifatira ubutegetsi ku nguvu muri ico gihugu kuko bigize nk’aho bari hejuru y’amategeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.