Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madagascar : N’aho igihugu gikenye "HUMMER" nizo zitembere mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madagascar : N’aho igihugu gikenye "HUMMER" nizo zitembere mu (...)

Madagascar : N’aho igihugu gikenye "HUMMER" nizo zitembere mu bisagara

dimanche 9 Ruheshi 2013

Ubukene bwimonogoje mu bihugu bimwe bimwe vy’Afrika, aho inzara izura inzara igata, mu gihugu ca Madagascar hoho havurwa ko ibice 77 kw’ijana vy’ingo ubukene bwiraye, ndetse inzara ikaba irembeje abana n’abagore.

Nk’uko abahinga bakoze icirwa babivuga ku bijanye n’ubukene babivuga, ubukene muri ico gihugu butumwa cane n’ukutumvikana kw’abanyepolitike bigatuma abanri mu nzego zo hejuru bitaho ivyabo, bakibagira abanyagihugu, ndetse ugasanga imigambi y’iterambere ititaweho. Ikindi naco ni uko usanga ubudasa buri hagati y’abatunzi n’abakene buteye ubwoba.

N’aho abanyagihugu ubukene bubageze habi, mu bisagara vy’ico gihugu ho usanga imiduga myizamyiza nk’imwe bita HAMA (Hummer) n’izindi modokari z’agaciro usanga imwe igurwa imiriyoni amajana abiri, arizo zirerura imiryango y’abatunzi. Abanyagihugu bo muri ico gihugu rero bavuga ko abatunzi batunze cane, abakene nabo, bakaba baritunye buratondera.

Ubutegetsi bwo muri ico gihugu bwagirizwa kutitaho abanyagihugu, eka kandi n’abafasha ico gihugu bavuga ko bababazwa n’ubukene abanyagihugu babayemwo, nabo bakavuga ko n’imfashanyo zoba zitangwa hari abazinyuruza ndetse ugasanga ugutunga amatungo bamwe badashobora gusigura, ari vyo vyibonekeza muri ico gihugu.

Abategetsi bo muri Madagascar bagirizwa ko usanga umwe wese ashaka guteza imbere akarwi k’abiwe, bakibagira umurwi munini w’abanyagihugu. Abo banyagihugu babandanya bavuga ko ibiba mw’ibanki nkuru y’igihugu atanumwe abiyobewe, bakavuga ko bizeye ko abafata amatungo y’igihugu nk’ayabo bitebe bitebuke bazobibazwa, bagacibwa imanza.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.