Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madagascar : Rajoelina, Ravalomanana na Ratsiraka bakuwe ku rutonde (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madagascar : Rajoelina, Ravalomanana na Ratsiraka bakuwe ku rutonde (...)

Madagascar : Rajoelina, Ravalomanana na Ratsiraka bakuwe ku rutonde rw’abahiganwa

dimanche 18 Myandagaro 2013

Batatu mu bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Madagascar bakuwe ku rutonde rw’abitoza. Nk’uko n’amakungu yari yabisavye, ku rutonde rwasohotse ku munsi w’ejo kuwa gatandatu, Andry Rajoelina, Didier Ratsiraka na Lalao Ravalomanana ntibisanzeko.

Mu nsiguro zatanzwe, Andry Rajoelina, asanzwe ariwe mukuru w’igihugu vy’imfatakibanza, yamenyeshejwe ko yatanze ibisabwa kuwitoza ikiringo cari catanzwe camaze guhera.

Ku ruhande rwa Lalao Ravalomanana yahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, yamenyeshejwe ko amategeko ategekanya ko awitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu yoba amaze n’imiburiburi amezi atandatu mu gihugu imbere y’uko amenyesha ko ashaka kwitoza. Lalao Ravalomanana yafatiwe iyo ngingo yo gukurwa ku rutonde rw’abitoza mu gihe yari yisiguye, amenyesha ko yankiwe gutaha incuro zitatu zikurikirana, mu mwaka w’2011 no mu mwaka w’2012.

N’uwahoze ari umukuru w’igihugu Didier Ratsiraka yamenyeshejwe ko nawe nyene ata mezi atandatu yari amaze mu gihugu imbere y’uko amenyesha ko azokwitoza.

Ukwo ari batatu babwiwe ko bafise iminsi itatu kugira bahitemwo abandi bobasubirira ku rutonde rw’abahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu. Abo batatu sibo gusa bakuwe ku rutonde kuko hari n’abandi batanu. Ubu ku rutonde hakaba hasigayeko abahiganwa 32.

PNG - 160.2 ko
Andry Rajoelina, Lalao Ravalomanana na Didier Ratsiraka bakuwe ku rutonde rw’abahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.