Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madagascar : Hery Rajaonarimampianina niwe yatsinze amatora y’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madagascar : Hery Rajaonarimampianina niwe yatsinze amatora y’umukuru (...)

Madagascar : Hery Rajaonarimampianina niwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu

vendredi 3 Nzero 2014

Intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri madagascar yatahukanye Hery Rajaonarimampianina ashigikiwe n’ubutegetsi buhavuye nk’uko vyamenyeshejwe kuri uno munsi wa gatanu inyuma yo guharura amajwi.

Iyemezwa ko yatsinze rero rikaza kwemezwa na sentare ijejwe gutatura mu gihe ibiba vyavuzwe biba bitemewe n’uwo bahiganwa. Nta gitangaje kirimwo , kuko vyaguma binuganurwa ko Hery Rajaonarimampianina ashobora kuba ari we atahana intsinzi, kuko mu biharuro yari imbere cane nk’uko vyaguma bica ku rubuga ngurukanabumenyi bw’umurwi ujejwe amatora. Uwahoze ari umushikiranganji w’ikigega ca Reta, muri Reta y’imfatakibanza yaronse ibice 53,50 kw’ijana vy’amajwi kuri 46,50 kw ‘ijana vya Robinson jean Louis.

Mu matora ya mbere abari bitavye barenga gato ibice 50 kw’ijana kuri 61 kw’ijana mu matora agira kabiri yo mu kwezi kwa gitugutu. Mu gihe ibiharuro vyasomwa, Robinson jean Louis yatsinzwe ntaco yashikirije ubwo nyene. Uwo mbere ashigikiwe na Ravalomanana yatembagajwe mu mwaka wa 2009, yari yashikirije ku munsi wa kabiri ibirego vyinshi yiyamiriza ayo matora ko yabayemwo ubusuma ,utunenge tutari duke aho mbere yasaba ko ayo matora atokwemerwa. Iminsi 15 iri mbere akaba ari yo sentare ijejwe ivy’amatora ifise yo kuraba koko ko amatora yagenze neza canke ko atibwe, ivyashikirijwe na Jean Louis aho mbere bazoca bemeza burundu uwatsinze n’amanota yaronse.

Ubusuma buvugwa ntibwigeze bubonwa n’imirwi itandukanye yavuye hanze ije gucungera amatora muri ico gihugu, harimwo abo mw’ishirahamwe ry’abanyaburaya barungitswe muri ico gihugu kuwa 20 Kigarama umunsi w’amatora. Abo barorerezi bakaba baguma basaba abitoza kwubahiriza gushika ku mpera amatora, hanyuma ico batashimye bakazogitura sentare iraba ivy’amatora. Abantu benshi bakaba bari bizeye ko ayo matora ashobora gutuma indyane zari zimaze iminsi zihari guhera mu mwaka wa 2009 kuva ubutegetsi bwa Marc Ravalomanana zihera. Haraheze imyaka ine, Andry Rajoelina ari umukuru w’igihugu ataciye mu matora.

Muri ico kiringo rero, igihugu ca Madagascar gisa n’icaciye cibagirwa n’amakungu aho abanyamitahe bahahunze ntibasubire kuja gukorerayo imfashanyo zirahagarara bituma haba ubukene budasanzwe . Yaba Marc Ravalomanana ,canke Rajoelina bose bagiye mu matora kubera amakungu yarabarembeje kuko gutinya imigumuko ishobora kwaduka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.