Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madikizela Mandela yahakanye ibivugwa ko umuryongo wabo wasigaye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madikizela Mandela yahakanye ibivugwa ko umuryongo wabo wasigaye (...)

Madikizela Mandela yahakanye ibivugwa ko umuryongo wabo wasigaye uraryana

vendredi 20 Kigarama 2013

Inyuma y’aho Nelson Mandela yitabiye Imana hari ibinyamakuru bitari bike vyasigaye biratangaza ko umuryango uzosigara uraryana, uryanira amatungo asize. Ariko Winnie Madikizela-Mandela yahoze ari umutambukanyi wa Nelson Mandela akaba yabeshuje urwo rukurukuru.

Mw’itangazo ryaraye risohowe kuri uyu wa kane wa 19 Kigarama, Winnie Mandela yaragaye inyifato ya bimwe mu binyamakuru vyatangaje inkuru y’incamutima. Bimwe mu binyamakuru bivurwa akaba ari ikinyamakuru The Citizen, The Times, The Sunday Tribune hamwe na The Star. Ivyo binyamakuru vyasohoye inkuru ivuga ko umuryango wa Mandela uriko uraryana kuva ku munsi wa mbere Mandela yitaba Imana.

JPEG - 54.6 ko
Madikizela Mandela

Muri iryo tangazo, Winnie Mandela akaba yaragarutse kuri imwe mu nkuru yanditswe n’ikinyamakuru The Citizen ivugwa muri aya majambo : "Harageze ko umuryango wa Mandela wigenza uko bikwiye". Urundi rukurukuru rukavuga ko Mandla na Makaziwe Mandela bariko bararwanira ubutegetsi mu gucungera ivyasizwe na Nalson Mandela, ariwe muvyeyi wabo.

Aho mukibuka ko Nelson Mandela abana yasize, bakiriho ari abakobwa batatu : Makaziwe Mandela, Zenani Dlamini-Mandela na Zindiziswa Mandela, imigenzo yabo nayo ikavuga ko umukobwa wa mbere, Makaziwe Mandela ariwe azotwara icumu, akaja mu gishingo ca se, mu kuyobora umuryango no mugufata ingingo zikomakomeye, abifashijwemwo na barumunawe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.