IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Abaporisi bemeye ko bivye umunyagihugu ibihumbi 70

Makamba : Abaporisi bemeye ko bivye umunyagihugu ibihumbi 70

mardi 23 Ruheshi 2015

Abapolisi batatu harimwo uwutwara ikirindiro azwi kw’izina rya CIZA,bateye mu rugo rw’umunyagihugu ruri muri zone Mbizi ya Komine Kibago, mu ntara ya Makamba,mw’ijoro ryo kuwa mbere igenekerezo rya 22 Ruheshi,2015.

Nk’uko amakuru dukesha SOS medias BURUNDI abimenyesha, abo baporisi binjiye mu rugo rw’umwigisha azwi kw’izina rya Claude, nk’igihe c’isaha zitatu n’igice z’ijoro, batangura bamutera ubwoba ko yagiye mu myiyerekano yabaye haraheze iminsi. Abo bapolisi baciye batera ubwoba uwo muryango, bongera bamutwara ibihumbi 70 vy’amafaranga y’amarundi, baca baragenda.

Umukuru w’ikirindiro c’abaporisi azwi kw’izina rya Ciza, mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, yemeye ko bivye ayo mahera, ariko akavuga ko igihe ivyo vyaba yari aborewe, aca yemera gusubiza ayo mafaranga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.