IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Makamba : Abigisha bahagaritse akazi kubera umugabo yafashe ku nguvu (...)

Makamba : Abigisha bahagaritse akazi kubera umugabo yafashe ku nguvu umunyeshure yarekuwe

mardi 29 Nzero 2013

Abo bigisha n’abo kw’ishure ry’intango rya Mugerama ya Gatatu ku mugwa mukuru wa komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Bahagaritse kwigisha kuva kuri uyu wa kabiri.

Abo bigisha biyamiriza ingingo iherutse gufatwa n’igipolisi y’ukurekura umugabo waho i Nyanza-Lac yari yafashwe yagirizwa gufata ku nguvu umwana wo kuriryo shure, mbere akaba yaranamuteye inda amugira umugore wiwe. Uwo mugabo imbere y’uko afatwa n’igipolisi yari yafashe abandi bana b’abakobwa, nibo bamureze kuko bamugize imbohe kumara imisi irenga itanu i muhira i we.

Mu nyuma, uwo mugabo yaciye aja kuri iryo shure ahitana umwe mu bigisha baho aramukubagura yongera aramukubitira imbere y’abanyeshure. Igipolisi gifadikanije n’igisirikare caciye kimuta muri yompi ariko muri iyi ndwi mu ntango zayo uwo mugabo yararekuwe n’igipolisi.

Ikibabaza abo barimu n’ukubona uwo mugabo arekurwa kandi biboneka neza ko icaha kimwagira na rirya uwo mwana w’umwigeme yatwaje inda bakibana. Mu gipolisi hoho basigura ko icatumye uwo mugabo arekurwa ari uko basanze nyene kwagirwa n’icaha ata myaka afise yemejwe n’amategeko y’ugufungwa.

Si irya mbere aho mu ntara ya Makamba havugwa ihagarikwa ry’akazi mu gisata c’indero kubera bene iyo mvo. Gusha ubu , abo bigisha ntibaramenyesha aho bazosubirira ku mirimo.


Eloge Willy Kaneza

Messages

  • abana bava mwishure kubera iki kibazo ni benshi, leta na ba mama ntibakwiye kwemera kuguma babana nabantu bameze nkuyu!!!

  • je justice yo muburundi irambabaza bigeze aho ndengerwa!!umuntu nkuwo ari dangereux muri societe baramureka akaguma yidengevya kweli???Mana burya uribuka uburundi ko bubaho??garuka urenganure abarenganwa!!mbega police irafise uburenganzira bwo kurekura umuntu ngo nagende muhira yifunge wenyene 5 jrs??iryo sibara umuntu afata abana kunguvu??mbega aho bavuga ngo ntarakwiza imyaka yugufugwa yagiye kwigisha atarakwiza na 15 ans?cnk muburundi umuntu wese afise imyaka yo gufugwa yiwe!!sha ndasaba aba polisi bamurekuye umusi bafashe abana babo kunguvu niho bazomenya agahinda birimwo!!

  • oya ivyo ntivyumvikana mbega umuntu y’igisha ntaba akwijije imyaka jewe mpaye ndiyumvira ntakuntu abo baporisi baca bamurekura ubwo burenganzira babuvany’ehe bwo kurekura umwicanyi nkuwo?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.