IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Umutamakazi w’imyaka 80 yatowe ikiziga mu kazu ka surwumwe

Makamba : Umutamakazi w’imyaka 80 yatowe ikiziga mu kazu ka surwumwe

samedi 12 Mukakaro 2014

Mu ntara ya Makamba, umusozi Buhema, zone Mugeni, komine Kayogoro, hari umutamakazi w’imyaka 80 yatowe ikiziga mu kazu ka surwumwe. Abamugandaguye ntibaramenyekana, mu giporisi bakamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza.

Uwo mutamakazi w’imyaka 80 yagandaguwe mw’ijoro ryo ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 9 Mukakaro 2014, bikaboneka ko yapfuye babanje kumucumita imbugita mu mutwe. Abagandaguye uwo mutamakazi yahora yibana mu nzu ya wenyene ntibaramenyekana, ariko amakuru dukura mu ntara ya Makamba, umusozi Buhema, zone Mugeni, komine Kayogoro akavuga ko yoba yazize amafaranga yari yabitse mu nzu yabamwo, abamugandaguye bagashobora kuba ari abasuma bayamuronderako.

Mu giporisi mu ntara ya Makamba bamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza kugira bamenye, bongere bashengeze mu butungane abagandaguye uwo mutamakazi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.